Twitwararike abo tuyaga—Mu kurabana na bo mu buryo ngirakamaro
1 Igihe dushinga intahe ku mugaragaro be n’igihe dushinga intahe inzu ku nzu, turakunda kurabana n’abantu imbere y’uko dutangura kuvuga. Muri ako kanya, hari aho twoshobora kumenya ukuntu biyumva ku bijanye n’ukuba turi aho tukongera tukamenya ukuntu bamerewe, dufatiye ku kuntu mu maso habo hameze. Na bo nyene barashobora kubona ibitari bike ku bitwerekeye. Umukenyezi umwe yavuze ibikurikira ku bijanye n’igihe yagenderwa n’Icabona: “Ndibuka yuko ndamubonye mu maso ariko aramwenyura vyanyeretse ko ari umunyamahoro. Vyarankwegereye”. Ivyo vyaratumye uwo mukenyezi yumviriza inkuru nziza.
2 Kurabana n’abandi ni uburyo ngirakamaro budufasha gutanguza ikiyago igihe tuba turiko turamamaza kw’ibarabara canke ku nzira, kibure igihe tuba turiko turashinga intahe mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi. Hari umuvukanyi ahora araba mu maso abantu bariko baramwegereza. Harya bahuje amaso, aramwenyura agaca abashikiriza ibinyamakuru. Akoresheje ubwo buryo, aragiranira ibiyago biryoshe n’abantu benshi akongera agashikiriza ibisohokayandikiro bitari bike.
3 Nubone ukuntu abandi biyumva: Kuguma tuza turarabana n’abandi bizodufasha kubona ingene biyumva. Nk’akarorero, niba umuntu bimugora gutahura ivyo tumubwiye canke akaba atemera ikintu kanaka twamubariye, akenshi bizobonekera mu maso hiwe. Niba afise ivyo ariko arakora canke akaba atanguye kubona ko umenga turamutebeje, tuzobibonera mu maso hiwe. Ico gihe turashobora guca duhuza ikiyago cacu n’ukwo kuntu ibintu vyifashe, canke tugaca make. Gutahura ukuntu abandi biyumva ni uburyo bwiza bwo kwerekana ko tubitwararika.
4 Ukutagira uburyarya n’ukujijuka: Mu mico kama myinshi, kuraba umuntu mu maso bibonwa nk’ikimenyamenya c’uko umuntu atagira uburyarya. Raba ingene Yezu yishuye igihe abigishwa biwe babaza bati: “None rero, ni nde ashobora gukizwa?”. Bibiliya ivuga iti: “Yesu arabītegereza, arababgira, ati Kubg’abantu ico ntigishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka” (Mat. 19:25, 26, ni twe dushimitse.). Nta nkeka ko ukujijuka kwaboneka mu maso ha Yezu kwatumye amajambo yiwe arushiriza kugira uburemere. Muri ubwo buryo nyene, kuguma tuza turarabana n’abantu bizodufasha gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami ata buryarya kandi turi n’ubujijutsi.—2 Kor. 2:17; 1 Tes. 1:5.