ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/06 rup. 1
  • Twitwararike abandi—Mu kuba abagwaneza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twitwararike abandi—Mu kuba abagwaneza
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Tugaragaze imico myiza kuko turi abasuku b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Imvugo y’igikundiro iratuma haba imigenderanire myiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Niwigane Yehova mu kwitwararika abandi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Gushinga intahe ukoresheje telefone birashobora kuba ngirakamaro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 5/06 rup. 1

Twitwararike abandi—Mu kuba abagwaneza

1 “Yehova ni umugwaneza” (Zab. 145:8, NW). Naho ari Segaba w’ijuru n’isi, ni umunyabuntu, arubahiriza abantu b’abanyagasembwa mu vyo abagirira kandi akabafatana urupfasoni (Ita. 13:14; 19:18-21, 29). Turashobora kuryohora uburyo dushikiriza inkuru nziza mu kwigana iyo Mana yacu y’ubugwaneza (Kol. 4:6). Ivyo ntibigarukira gusa ku kuba abantu bavugana urupfasoni n’icubahiro.

2 Igihe twamamaza inzu ku nzu: Vyogenda gute nk’igihe dusanze twagendeye umuntu mu gihe kitabereye canke tugasanga hari utwo ariko aracurumbamwo ku buryo adashobora kutuganiriza? Vyoba vyiza twerekanye ko dutahura ukwo kuntu ibintu vyifashe, mu guca make canke mu kumusaba ko twogaruka ikindi gihe. Tubigiranye ubuntu, turirinda guhata abantu ngo bakire ibitabu vyacu mu gihe berekanye ko batabishaka. Ukwubahiriza abandi bizotuma kandi twubaha ivyabo, nko mu kutiha intebe batayiduhaye, canke mu kutanduza aho hantu no mu kumenyereza abana bacu kubigenza gutyo. Dukwiye kuraba neza ko igitabu ico ari co cose dusigiye abo tudasanze ku mihana tutagisize aho abahita bashobora kukibona. Mu vy’ukuri, ubugwaneza buzotuma dufata abandi kurya nyene twipfuza ko bodufata.—Luka 6:31.

3 Igihe twamamaza mw’ibarabara: Igihe twamamaza mw’ibarabara, turashobora kugaragaza urupfasoni mu kutazibira abagenda n’amaguru be no mu kutarundana imbere y’aho badandariza. Tuzokwitwararika cane ukuntu ivy’abandi vyifashe mu kurondera kuvugana n’abantu boba bafise akanya, aho kurondera kuvugana n’abantu biboneka neza ko bariko barihuta. Rimwe na rimwe, hari aho vyosaba ko tuvuga cane kubera urwamo ruba ruri mw’ibarabara. Ariko rero, dukwiye kubigirana icubahiro ntiduhave dusanga abantu bariko baradusamarira.—Mat. 12:19.

4 Igihe twamamaza biciye kuri telefone, aho bishoboka: Ukwubahiriza abandi bizotuma twamamaza biciye kuri telefone turi ahantu hatari urwamo. Turagaragaza urupfasoni mu guca twidondora tukongera tugasigura tudatevye igituma duterefonye. Igihe tuvuga dufashe neza telefone kandi tukaguma dufise urugero rw’ijwi rwiza, bizotuma abandi bagira uruhara mu kiyago cubaka gishingiye ku Vyanditswe (1 Kor. 14:8, 9). Tubaye abanyabuntu, tukubahiriza abandi kandi tukagira urupfasoni muri iyo mice itandukanye, tuba twiganye Imana yacu y’ubugwaneza, Yehova.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika