ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 8/06 rup. 4
  • Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Iteraniro ry’umuzunguruko rizodufasha kuzigama kamere yacu y’ivy’impwemu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • “Ibifungurwa ku gihe kibereye”
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Zigama umuzirikanyi wawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 8/06 rup. 4

Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije

Iyi si ishaka ko twemera yuko ivyayo bizokwamaho ibihe vyose. Yamara, Ijambo ry’Imana ritubwira ibihushanye n’ivyo (1 Yoh. 2:15-17). Riradufasha gutahura yuko ‘kurundanya ubutunzi kw’isi’ ari ukwiruka inyuma y’ubwira. Kugira abasavyi b’Imana bakomezwe, iteraniro vy’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2007 rizoca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo ‘Nimurundanye ubutunzi mw’ijuru’.—Mat. 6:19, 20.

Ivyiyumviro bijanye no guhahamira amaronko, biri mu vyo mu Banyefeso 2:2 (NW), hita “ubukuru bw’ikirere, ya mpwemu ubu ikorera mu bana b’ubugaba”. Nka kurya nyene akayaga buyaga kari ahantu hose, umuntu akaba ashobora kugahema, ni ko “impwemu y’isi” inyengetera mu vy’iyi si (1 Kor. 2:12). Kubera yuko akosho k’iyo mpwemu gakomeye, bivugwa ko ifise “ubukuru”. Porogarama y’iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije izodufasha kwirinda ivyiyumviro vy’isi vyo guhahamira amaronko yongere idufashe kuguma dushize amaso ku vyo dukwiye gushira imbere y’ibindi (Mat. 6:33). Ikindi kandi, iyo porogarama izodufasha kwiheka kuri Yehova uko turangura ubusuku bwacu, naho twoba turi mu mikazo no mu bigeragezo.

Uragerageza muri iyo misi yompi kuzoba ari ho uri no “kurushiriza kwitwaririka” ibizoshikirizwa (Heb. 2:1). Urazogira utwo wiyandikira muri make turimwo ivyiyumviro ushobora kuzoshira mu ngiro mu buzima bwawe bwite no mu busuku urangura. Niwitaba iyo porogarama ngirakamaro mu vy’impwemu, kuva itanguye gushika irangiye, uzoremeshwa wongere ukomezwe mu bijanye no kubandanya ‘kurundanya ubutunzi mw’ijuru’.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika