ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/06 rup. 3
  • Ividewo ikwiriye ko umuntu ayizirikanako yitonze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ividewo ikwiriye ko umuntu ayizirikanako yitonze
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Bayakiranye Igishika!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Nuhitemwo neza abagenzi
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • “Ubwo buryo bwo kwigisha ni bwo!”
    Be maso!—2016
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 9/06 rup. 3

Ividewo ikwiriye ko umuntu ayizirikanako yitonze

“Iyi videwo vy’ukuri ituma umuntu azirikana!”

“Yaciye ubwo nyene inkora ku mutima!”

“Naranezerewe bimwe utoraba!”

1 Ukwo kwoba ari ko wumvise umerewe aho umariye kuraba ari bwo bwa mbere ya videwo Les jeunes s’interrogent . . . Comment se faire de vrais amis? (Urwaruka ruribaza—Noshobora gute kuronka abagenzi nyakuri?)? Umuvukanyi umwe akiri muto yariko aca mu bihe bitoroshe mu buzima bwiwe, ubu hakaba haciye imyaka nk’ingahe. Vyose vyari vyavuye ku bagenzi yari yarahisemwo. Batumye ataba acitaho ukuri bongera batuma atakaza ubucuti yari afitaniye na Yehova. Mu nyuma iyo videwo yarasohowe. Yanditse ati: “Uko naraba iyo videwo incuro n’izindi, ni ko amosozi yantanga hasi. Narakengurukiye Yehova ku bw’iyo mfashanyo yaje hageze”. Iyo videwo yaratumye yisubirako yongera ituma arondera abagenzi babereye. Yongeyeko ati: “Biribonekeza ko muguma muzi ibiriko bishikira abakiri bato”. Bavyeyi, namwe rwaruka, mubona gute musubiye kuraba iyo videwo mu nyigisho y’umuryango muzogira ubutaha? Igihimba kimwekimwe cose kirangiye, nimuyihagarike hanyuma muganirire hamwe ata guhishanya kandi muvugana ukuri ku bibazo biri mu ngingo zikurikira.

2 Intangamarara: Umugenzi nyakuri ni iki?—Imig. 18:24.

3 Intambamyi mu vy’ukuronka abagenzi: Woshobora gute gutsinda ingorane yo kwumva ukumiriwe (Flp. 2:4)? Ni kubera iki utegerezwa kugira umutima ukunze wo kuryohora kamere yawe, kandi ni nde ashobora kugufasha kubishikako? Ni igiki kizoguha uturyo two kugira abagenzi benshi, kandi wobakura hehe?—2 Kor. 6:13.

4 Kugiranira ubugenzi n’Imana: Ushobora gute kugiranira ubucuti burushirije kuba ubwa hafi na Yehova, kandi ni kubera iki bibereye ko ubigiramwo akigoro (Zab. 34:8)? Ni nde ashobora kurushiriza gukomeza ubugenzi ufitaniye n’Imana?

5 Abagenzi babi: Abagenzi babi ni bande (1 Kor. 15:33)? Ni gute abagenzi babi bashobora gushikana umuntu ku gutemba mu vy’impwemu? Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Dina ikwigisha iki?—Ita. 34:1, 2, 7, 19.

6 Igikino cerekena ibishika mu gihe ca none: Ukwigunga kwa Tara kwamugizeko ingaruka nyabaki? Yisiguye gute ku vyerekeye ukwifatanya n’abakiri bato bo mw’isi? Ni akaga akahe bamushizemwo? Ni kubera iki abavyeyi biwe batashoboye kubona akaga yarimwo, ariko ni inyifato iyihe bagize kugira bamufashe gukira mu vy’impwemu? Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi yagaragaje gute ko ari umugenzi nyakuri wa Tara? Ni kubera iki abakirisu bategerezwa kwumvira ibivugwa mu Migani 13:20 no muri Yeremiya 17:9? Ni icigwa gihambaye ikihe Tara yahakuye?

7 Insozero: Ni ivyigwa ibihe wakuye muri iyi videwo? Woyikoresha gute kugira ngo ufashe abandi?—Zab. 71:17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika