Bayakiranye Igishika!
1 Imiryango y’Abakirisu yo mu mihingo yose yaragaragaje n’igishika ukuntu yakengurutse ya videwo ivuga ngo: Young People Ask—How Can I Make Real Friends? (Abakiri Bato Baribaza—Noshobora Gute Kugira Abagenzi Nyakuri?) Sebibondo umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe yavuze yuko abahungu biwe bahejeje kuraba iyo videwo bagumye bicaye bacereje kuko batahuye kandi barakira neza ibintu vyose bivugwa muri iyo videwo! Raporo imwe yavuye muri Malawi ivuga yuko abavukanyi n’abavukanyikazi bakiri bato baho na bo nyene bayakiriye neza kubera yuko baca mu mikazo nk’iyo nyene ivugwamwo, iterwa n’urunganwe rwabo rwo kw’ishure. Sebibondo umwe wo mu Budagi yavuze ivy’iyo videwo ati: “Niyumvira ko ari inyishu ku masengesho yanje.” Umwigeme umwe akiri muto yavuze ati: “Murakoze kunyibutsa yuko Yehova anyitwararika.” Umukurambere wo muri Nouvelle–Zélande yamenyesheje ati: “Vyarafashije umwe mu bigeme bacu b’imiyabaga kugaruka mu nzira ijana mu buzima.” Umukenyezi yubatse yarayirorereye maze avuga ati: “Ese ingene nipfuza ko uwukiri muto wese ari mu kuri yoraba iyi videwo maze ikamuvyurira umutima wo gufata ukuri nka nkama!” Yemwe miryango, ni kuki mutosubira kuyiraba? Hanyuma, nimuganirire hamwe ibibazo bikurikira.
2 Intangamarara: Umugenzi nyakuri ni iki?—Imig. 18:24.
3 Intambamyi mu vy’Ukuronka Abagenzi: Woshobora gute gutsinda ingorane yo kwumva ko ukumiriwe? (Flp. 2:4) Ni kuki utegerezwa kugira umutima ukunze wo kuryohora kamere yawe, kandi ni nde ashobora kugufasha kubishikako? Ni igiki kizoguha uturyo two kugira abagenzi benshi, kandi wobakura hehe?—2 Kor. 6:13.
4 Kugira Ubugenzi n’Imana: Woshobora gutsimbataza gute ubucuti ufitaniye na Yehova, kandi ni kuki bibereye ko ubigiramwo akigoro? (Zab. 34:8) Ni nde ashobora kurushiriza gukomeza ubugenzi ugirana n’Imana?
5 Abagenzi Babi: Abagenzi babi ni bande? (1 Kor. 15:33) Abagenzi babi bashobora gute gushikana umuntu ku gutemba mu vy’impwemu? Inkuru yo muri Bibiliya yerekeye Dina ikwigisha iki?—Ita. 34:1, 2, 7, 19.
6 Igikino Cerekana Ibishika mu Gihe ca None: Ukwigunga kwa Tara kwamugizeko ingaruka nyabaki? Yisiguye gute ku vyerekeye ukwifatanya n’abakiri bato bo mw’isi? Ni akaga nyabaki bamushizemwo? Ni kuki abavyeyi biwe bananiwe kubona akaga yarimwo, ariko ni inyifato iyihe bagize mu kumufasha gukira mu vy’impwemu? Umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi yagaragaje gute ko ari umugenzi nyakuri wa Tara? Ni kuki Abakirisu bategerezwa gutega yompi ibivugwa mu Migani 13:20 no muri Yeremiya 17:9? Ni icigwa gihambaye ikihe Tara yahakuye?
7 Insozero: Ni ivyigwa ibihe wakuye muri iyi videwo? Woyikoresha gute kugira ngo ufashe abandi?—Zab. 71:17.