ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/06 rup. 8
  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Tegura uburyo bwawe bwo gushikiriza ibinyamakuru
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ingene twokoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago duhabwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Dushikirize ibinyamakuru bishingira intahe ukuri
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba Uriko Urarangura Ubusuku Bwawe mu Buryo Bunogangije?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 11/06 rup. 8

Ingene twotegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru

1. Ni kubera iki ari vyiza ko dutegura uburyo bwacu bwite bwo gushikiriza ibinyamakuru aho gupfa gufata ku mutwe uburyo bunaka duhabwa mu Gikorwa dukorera Ubwami?

1 Woshobora kwibaza uti: ‘Kubera iki dukwiye gutegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru kandi buhora buboneka mu nomero imwimwe yose y’Igikorwa dukorera Ubwami?’. Naho benshi basanze ubwo buryo duhabwa bwo gushikiriza ibinyamakuru ari ngirakamaro, ubwo umuntu aba yiteguriye buracakenewe. Uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru usanga ari ngirakamaro mu cibare kimwe bwoshobora kutaba ngirakamaro mu kindi. Ku bw’ivyo, ntidukwiye kubona ko dutegerezwa gushikiriza ibinyamakuru twisunze neza na neza kurya nyene biba vyanditswe mu buryo bwo gutanguza ibiyago duhabwa. Naho twohitamwo gukoresha ubwo buryo bwo gutanguza ibiyago duhabwa, ni vyiza ko twoserura ivyiyumviro mu majambo yacu bwite.

2. Kugira umenye ikiganiro uzokwerekana bisaba iki?

2 Nuhitemwo ikiganiro: Ubwa mbere, umaze gusoma ikinyamakuru, nuhitemwo ikiganiro wasanze gishimishije coba kibereye mu cibare canyu. Ubujijutsi be n’igishika uzogaragaza mu kwereka ico kiganiro uwo muzoba muriko murayaga, hari aho na we nyene vyomuvyurira umutima wo kugisoma. Naho kumbure uzokwerekana ikiganiro gishimisha abantu benshi bo muri ico cibare, uritwararika kumenya neza n’ibiri mu bindi biganiro vya nya kinyamakuru. Ivyo bizotuma ushobora guhindura uburyo bwo gushikiriza ikinyamakuru uramutse uhuye n’umuntu yoba ashimishwa cane n’ikindi kiganiro.

3. Kugira bigende neza, ni uburyo ubuhe bwo gutanguza ibiyago ukoresha?

3 Nubaze ikibazo: Ubukurikira, nutegure witonze amajambo yo gutanguza ikiyago. Amajambo yawe yo gutanguza ikiyago arahambaye. Vyoshobora kuba ngirakamaro ubajije uwo muyaga ikibazo gikabura ivyiyumviro kugira utume ashimishwa n’ikiganiro wahisemwo kuyagako n’abantu. Ibibazo bituma umuntu aserura iryo agona ni vyo akenshi usanga bifasha cane kuruta ibindi. Uririnda kubaza uwo muyaga ikintu cohava kimutera ubuyega canke kivyura impari.

4. Ni ivyiza ibihe biva mu gusomera icanditswe uwo muyaga igihe uko ibintu vyifashe bibakundiye?

4 Nusome icanditswe: Ubwa nyuma, nuhitemwo icanditswe mwoshobora gusoma igihe uko ivy’uwo muzoba muriko muraganira vyifashe bibakundiye, kumbure kibe icanditswe co mu kiganiro muzoca muyagako. Gusoma icanditswe bizotuma uwo tuyaga abona ko ubutumwa dushikiriza buva mw’Ijambo ry’Imana (1 Tes. 2:13). Icanditswe kandi kizomubwira ubutumwa bwiza naho yokwanka ibinyamakuru. Bamwebamwe bavyuriye ugushimishwa uwo bayaga mu gusoma icanditswe imbere yo kumubaza ikibazo kinaka. Woshobora gucira inzira nya canditswe mu kuvuga uti: “Nipfuza kumenya ico wiyumvira ku bivugwa muri iki canditswe co muri Bibiliya”. Woshobora guca wereka uwo muntu iciyumviro kinaka co mu kinyamakuru kijanye n’ico canditswe, hanyuma ukagira ico uvuze muri make kugira umuvyurire ugushimishwa imbere yo kumushikiriza nya kinyamakuru.

5. Ni ibintu vy’ishimikiro ibihe ukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe utegura uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru?

5 Nta mategeko ntabanduka ahari ku bijanye n’ivyo umuntu yovuga igihe ashikiriza ibinyamakuru. Muri rusangi, ni vyiza kuguma woroheje uburyo ubishikiriza kandi ugaca make. Nukoreshe uburyo bukworohera kandi buvamwo ivyiza. Niwibande ku gaciro ntangere k’ivyo binyamakuru kandi ube umuntu ashwashwanutse. Mu gihe uzoba witeguye neza, uzorushiriza kuvyifatamwo neza mu gushikiriza Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! abantu “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera”.—Ivyak. 13:48, NW.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika