Dushikirize ibinyamakuru bishingira intahe ukuri
1. Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! bifise uruhara uruhe?
1 Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova be na kigenzi caco Réveillez-vous! biguma biri imbere mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa (Mat. 24:14; 28:19, 20). Uko tugira uruhara mu mice itandukanye y’umurimo w’Ubwami, turahimbarwa no gushikiriza tudahorereza ivyo binyamakuru bibiri biza ku gihe kibereye.
2. Ni amahinduka ayahe yagizwe ku Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, kandi kubera iki?
2 Mu myaka n’iyindi ihaciye, twarabonye amahinduka ajanye n’ukuntu ivyo binyamakuru binganangana, ayajanye n’ibirimwo be n’ayajanye n’uburyo dukoresha mu kubitanga. Ayo mahinduka yagizwe kugira ngo ivyo binyamakuru birushirize kuba ibikwegera kandi birushirize kugira akamaro, gutyo ubutumwa bw’Ubwami bushikire imitima y’‘abantu b’uburyo bwose kugira bakizwe bashike ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri’.—1 Tim. 2:4.
3. Ibinyamakuru bizokoreshwa gute mu busuku?
3 Kuva muri Nzero 2006, twarabaye abahanga mu vyo gukoresha uburyo butandukanye bwo gushikiriza Réveillez-vous! isohoka rimwe mu kwezi. Ubu, mu busuku turangura ku mugaragaro, tuzokoresha ubwo buryo nyene mu gutanga inomero imwe gusa y’Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova muri zibiri zisohoka buri kwezi. Uburyo butandukanye bwo kurabirako mu gushikiriza ikinyamakuru kimwekimwe cose tubusanga ku rupapuro rwa nyuma rw’Igikorwa dukorera Ubwami. Ubwo buryo usanga bukunda kwerekeza kuri kimwe mu biganiro bitangura vyo mu kinyamakuru, ariko rimwe na rimwe burerekeza ku bindi biganiro binaka bikundwa n’abantu benshi. Inama ziba zatanzwe zirarushiriza kuba ngirakamaro igihe tuba tuzi neza ibivugwa mu kiganiro kiba catanzweko akarorero, kandi tugakoresha amajambo yacu bwite kugira duhuze uburyo bwatanzweko akarorero n’ukuntu ivyo mu cibare cacu vyifashe.
4. Ni kubera iki vyoshobora kuba ngirakamaro ukoresheje ubundi buryo bwo gushikiriza ikinyamakuru aho gukoresha ubutangwa mu Gikorwa dukorera Ubwami?
4 Naho Igikorwa dukorera Ubwami kirimwo inama tugirwa z’uburyo bubiri bwo gushikiriza ikinyamakuru kimwekimwe cose, ntiwitinye gukoresha uburyo ubwo ari bwo bwose naho ataho bwosa busana n’ubwatanzwe. Imvo imwe yotuma ubigenza gutyo, n’uko bishoboka ko kimwe mu bindi biganiro coshobora gukwegera cane abo mu cibare canyu. Canke na ho hari aho woba ubona ko woshikiriza ikinyamakuru neza kuruta ukoresheje ikiganiro cagushimishije cane.
5. Imbere y’ugutegura ukuntu ushikiriza ikinyamakuru, utegerezwa gukora iki?
5 Ingene wotegura uburyo wokoresha mu gushikiriza ibinyamakuru: Imbere ya vyose, ukwiye kuba uzi neza ibivugwa mu kiganiro wahisemwo gukoresha. Ntivyoshoboka ko wama uzi ibivugwa mu biganiro vyose biri mu kinyamakuru imbere yuko utangura kugikoresha mu busuku bwo mu ndimiro. Ariko rero, utegerezwa kwerekana ko uhimbawe ata buryarya n’ibiri mu biganiro wahisemwo gukoresha. Ivyo ushobora kubigira igihe gusa uzi neza ivyo ushikiriza.
6. Dushobora gute gutegura uburyo bwacu bwo gushikiriza ibinyamakuru?
6 Ubukurikira, nube umuntu ahuza n’uko ibintu vyifashe igihe utegura amajambo yo gutanguza ikiyago. Woshobora kubaza ikibazo kivyura ugushimishwa kijanye n’ico kiganiro mu gutanguza ikiyago. Niwame wiheka ku bubasha Ijambo ry’Imana rifise bwo gukora ku mutima (Heb. 4:12). Nuhitemwo icanditswe kibereye kijanye n’ivyo uriko uravuga. Vyoba vyiza uhisemwo icanditswe casubiwemwo mu majambo canke kitasubiwemwo kiri mu kiganiro uriko urerekana. Raba ukuntu wohuza ico canditswe n’ico kiganiro.
7. Dushobora gute kurushiriza kuryohora uburyo dukoresha mu gushikiriza ibinyamakuru?
7 Igihe cose akaryo kabonetse: Kugira ngo uburyo bwo gushikiriza ibinyamakuru bube vy’ukuri ngirakamaro, butegerezwa gukoreshwa. Niwifatanye n’ishengero mu gushinga intahe hakoreshejwe ibinyamakuru ku wa gatandatu. Nuhe ibinyamakuru abantu basanzwe barakiriye ibindi bitabu. Niwame uha ivyo binyamakuru abo mwigana Bibiliya be n’abandi boshobora kuba bahari igihe usubiye kugendera umuntu. Woshobora guha ibinyamakuru abo muganira igihe ugiye gusuma, uri ku rugendo canke igihe urindiriye muganga. Nuryohore uburyo ushikiriza ibinyamakuru uko uza urabukoresha mu kwezi.
8. Ni mu buryo ki Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! ari ibinyamakuru bidasanzwe?
8 Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! ni ibinyamakuru bidasanzwe. Birashemeza Yehova we Segaba w’ijuru n’isi (Ibik. 4:24). Birahumuriza abantu biciye ku nkuru nziza y’Ubwami bw’Imana bikongera bikabaremesha kwizera Yezu Kristu (Mat. 24:14; Ibik. 10:43). Vyongeye, biguma bikenguza ibiba mw’isi bishitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya (Mat. 25:13). Nufashe abantu bo mu cibare canyu kwungukira kuri ivyo binyamakuru mu gutegura kubibaha igihe cose habonetse akaryo kabereye!
9. Dushobora gute guca inzira yo gusubira kuraba uwo twaganiriye?
9 Igihe bishobotse ko utanga ikinyamakuru, canke mbere naho woba gusa waganiriye kigenzi n’umuntu ikiyago c’ivy’impwemu, niwitegurire gukoresha ikibazo kivyura ikiyago gisaba ukuzirikana gishobora gutuma biba ngombwa ko usubira kumuraba canke ko usubira kuganira na we ivy’impwemu. Tubaye abanyamwete mu kubiba imbuto z’ukuri, turashobora kwemera tudakeka ko Yehova azokwugurura imitima y’abantu bipfuza vy’ukuri kumumenya no kumusukurira.—1 Kor. 3:6.