Nushikirize ibinyamakuru mu busuku bwawe
1, 2. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyagize ico bihinduye gute ku buzima bw’abantu?
1 “Biraryoshe, birahuje n’igihe kandi biraremesha”. “Nta bindi binyamakuru ndasoma biremesha nka vyo”. Ayo majambo arerekana neza ukuntu abantu bo kw’isi yose basoma Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! babona ivyo binyamakuru. Mu vy’ukuri, ibinyamakuru vyacu ni ibikoresho vy’agaciro kanini bifasha kugira ngo ubutumwa bwiza bushikire “abantu b’uburyo bwose”.—1 Tim. 2:4, NW.
2 Hari umugabo umwe yari afise vyinshi yirukangamwo yaronse ikinyamakuru Réveillez-vous! cavuga ibintu yakunda. Mu nyuma, yarasomye inomero y’Umunara w’Inderetsi yaronkeye rimwe n’iyo Réveillez-vous!, uwo Munara w’Inderetsi na wo ukaba warimwo ikiganiro kimwe catumye asuzuma yitonze inyigisho y’Ubutatu yari amaze imyaka n’imyaka yemera. Ivyo vyatumye yipfuza kumenya n’ibindi. Haheze amezi atandatu, yarabatijwe. Hari uwundi mugabo yama aronka ivyo binyamakuru mugabo ntiyigere abisoma. Ariko umugore wiwe yaranka kuvugana n’Ivyabona mugabo agasoma ibinyamakuru baba basigiye umugabo wiwe. Uwo mugore yarakozwe ku mutima n’umuhango Bibiliya itanga werekeye isi izoba yahindutse iparadizo, iyo si ikazoba yuzuyeko abantu b’abagororotsi. Hashize igihe, uwo mugore, umuhungu wiwe be na murumunawe barabaye abasavyi ba Yehova.
3. Gutangira rimwe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! bifise akahe kamaro?
3 Nubitangire rimwe uko ari bibiri: Nk’uko ubwo burorero buvyerekana, ntidushobora kumenya abazosoma ibinyamakuru vyacu canke ngo tumenye icotuma bashimishwa (Umus. 11:6). Ku bw’ivyo rero, ni ngirakamaro ko ivyo binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! tubitangira rimwe, naho mu bisanzwe kimwe gusa ari co dushimikirako mu biyago vyacu. Mu bihe bimwebimwe, vyoba vyiza dushikirije umuntu inomero zitari nke zitandukanye z’ivyo binyamakuru vyacu igihe tumugendeye.
4. Twoshiraho gute urutonde rwo gushikiriza ibinyamakuru?
4 Ni ngirakamaro ko dutegekanya umusi umwe buri ndwi wo kugira uruhara mu vy’ugushikiriza ibinyamakuru. Kuri Calendrier des Témoins de Jéhovah 2005 (Ikirangamisi c’Ivyabona vya Yehova co mu 2005), umusi wa gatandatu wose ni “Umusi w’ibinyamakuru”. Ariko ntiwumve, kubera ko uko ibintu vyifashe aho iwanyu usanga bitandukanye n’ahandi kandi ugasanga uko ivy’umuntu vyifashe biratandukanye n’ivy’abandi, bamwe boshobora kwishiriraho uwundi musi boshikirizako ibinyamakuru vyacu. Ivyo vyoba biri mu rutonde rw’ivyo ukora ku ndwi ku ndwi?
5. Ni uturyo utuhe two gushikiriza ibinyamakuru dukwiye kwitwararika, kandi ni igiki codufasha kubigira?
5 Niwishingire umugambi: Kwishingira umugambi ku kwezi ku kwezi wo gushikiriza ibinyamakuru birashobora kudufasha kurushiriza kwitwararika ico gikorwa. Woba ufise inzira y’ibinyamakuru? Woba ushikiriza ibinyamakuru abo muhura mu busuku? Woba ushobora gushikiriza ibinyamakuru igihe ushinga intahe ku mabarabara, mu vyibare birangurirwamwo imirimo yo mu biro n’ivy’ubudandaji be no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi? Woba witwaza ibinyamakuru iyo uri ku rugendo, iyo ugiye gusuma canke iyo ugiye kubonana n’abo mwahanye isango? Nukoreshe akaryo kose kabereye uronka kugira ngo ufashe abandi kwungukira ku binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!.
6. Twokoresha neza gute inomero za kera z’ibinyamakuru?
6 Twoshobora kandi kwishiriraho ihangiro ryo gushikiriza inomero za kera dusanzwe dufise. Naho nyene hohera ukwezi kumwe canke amezi abiri tutarashikiriza ibinyamakuru kanaka uravye igenekerezo vyasohoreweko, amakuru ari muri vyo aguma ari ay’agaciro. Nubishikirize abashimishijwe. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyabaye “ijambo [rije] . . . ku gihe kibereye” ku bantu amamiliyoni (Imig. 25:11, NW). Nimuze tubikoreshe kugira dufashe n’abandi bantu amamiliyoni kumenya Yehova no kumukorera.