‘Tuvuge ijambo ry’Imana ata bwoba’
1 Vyoba rimwe na rimwe bikugora kuvuga ibijanye n’ukwizera kwawe ata bwoba igihe uronse akaryo ko kubigira kw’ishure canke ku kazi? Vyoba bikugora gushinga intahe akaryo kizanye ku ncuti, ku babanyi canke ku bantu utazi? Ni igiki kizodufasha twese kutagisha uturyo tubereye two “kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba”?—Flp. 1:14, NW.
2 Ntugonanwe: Woba wogonanwa kuvugira umugenzi somambike canke incuti yoba yagirijwe ibinyoma? Yehova, we Mugenzi wacu somambike kuruta abandi bose, yaravuzwe ukutari kwo bimwe bibabaje mu binjana n’ibindi. Turafise agateka kadasanzwe ko gushingira intahe Imana yacu ihambaye (Yes. 43:10-12). Urukundo rugera kure dukunda Yehova rurashobora kudufasha gutsinda ubuyega canke ubwoba twoba dufise, maze rukatuvyurira umutima wo kugira ico tuvuze no kutagonanwa gushingira intahe ukuri dushize amanga.—Ivyak. 4:26, 29, 31.
3 Uribuka yuko ubutumwa dushikiriza ari inkuru nziza. Abantu nibabwumvira bizobazanira ivyiza biramba. Nitwibanda ku gaciro k’igikorwa co kwamamaza aho kwibanda ku vyacu canke ku baturwanya, bizodufasha kwamamaza dushize amanga.
4 Uturorero abandi batanga: Turashobora gukomezwa n’ukudahemuka kw’abandi bantu bavuze ijambo ry’Imana ata bwoba. Nk’akarorero, Henoki abigiranye umutima rugabo yaratangaje urubanza Yehova yociriye abanyavyaha batamwubaha (Yuda 14, 15). Nowa, abigiranye ukudahemuka, yaramamaje ku bantu ata co bari banezwe (Mat. 24:37-39). Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, ‘abatari barigishijwe kandi ntibabe abanyabwenge’, barabandanije kwamamaza naho hari uruhamo rukomeye (Ivyak. 4:13, 18-20). Akenshi usanga mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! harimwo inkuru z’ubuzima z’abantu bo muri iki gihe batsinze ugutinya abantu bongera baba abamamazanjili b’abanyamwete kubera bizeye Yehova.
5 Turashobora kuremeshwa igihe twihweje ubuzima bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bo mu gihe ca kera bashikiwe n’ibintu bitoroshe (1 Abm. 19:2, 3; Mrk. 14:66-71). ‘Barashize amanga mu Mana yacu’ maze bavuga ata bwoba. Emwe, na twebwe ivyo twobishobora!—1 Tes. 2:2.