ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/07 rup. 1
  • ‘Tuvuge ijambo ry’Imana ata bwoba’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Tuvuge ijambo ry’Imana ata bwoba’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 4/07 rup. 1

‘Tuvuge ijambo ry’Imana ata bwoba’

1 Vyoba rimwe na rimwe bikugora kuvuga ibijanye n’ukwizera kwawe ata bwoba igihe uronse akaryo ko kubigira kw’ishure canke ku kazi? Vyoba bikugora gushinga intahe akaryo kizanye ku ncuti, ku babanyi canke ku bantu utazi? Ni igiki kizodufasha twese kutagisha uturyo tubereye two “kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba”?—Flp. 1:14, NW.

2 Ntugonanwe: Woba wogonanwa kuvugira umugenzi somambike canke incuti yoba yagirijwe ibinyoma? Yehova, we Mugenzi wacu somambike kuruta abandi bose, yaravuzwe ukutari kwo bimwe bibabaje mu binjana n’ibindi. Turafise agateka kadasanzwe ko gushingira intahe Imana yacu ihambaye (Yes. 43:10-12). Urukundo rugera kure dukunda Yehova rurashobora kudufasha gutsinda ubuyega canke ubwoba twoba dufise, maze rukatuvyurira umutima wo kugira ico tuvuze no kutagonanwa gushingira intahe ukuri dushize amanga.—Ivyak. 4:26, 29, 31.

3 Uribuka yuko ubutumwa dushikiriza ari inkuru nziza. Abantu nibabwumvira bizobazanira ivyiza biramba. Nitwibanda ku gaciro k’igikorwa co kwamamaza aho kwibanda ku vyacu canke ku baturwanya, bizodufasha kwamamaza dushize amanga.

4 Uturorero abandi batanga: Turashobora gukomezwa n’ukudahemuka kw’abandi bantu bavuze ijambo ry’Imana ata bwoba. Nk’akarorero, Henoki abigiranye umutima rugabo yaratangaje urubanza Yehova yociriye abanyavyaha batamwubaha (Yuda 14, 15). Nowa, abigiranye ukudahemuka, yaramamaje ku bantu ata co bari banezwe (Mat. 24:37-39). Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, ‘abatari barigishijwe kandi ntibabe abanyabwenge’, barabandanije kwamamaza naho hari uruhamo rukomeye (Ivyak. 4:13, 18-20). Akenshi usanga mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! harimwo inkuru z’ubuzima z’abantu bo muri iki gihe batsinze ugutinya abantu bongera baba abamamazanjili b’abanyamwete kubera bizeye Yehova.

5 Turashobora kuremeshwa igihe twihweje ubuzima bw’abasavyi b’Imana b’intahemuka bo mu gihe ca kera bashikiwe n’ibintu bitoroshe (1 Abm. 19:2, 3; Mrk. 14:66-71). ‘Barashize amanga mu Mana yacu’ maze bavuga ata bwoba. Emwe, na twebwe ivyo twobishobora!—1 Tes. 2:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika