Turondere ukuntu turushiriza kugira umwete mu busuku turangura
1 Intumwa Paulo yahanuye abakirisu kugendera mu nzira y’Imana no ‘kurushiriza cane kugenza gurtyo’ (1 Tes. 4:1). None ivyo bidusaba iki? Kimwe coco ni uko dukwiye kubandanya turondera ukuntu tworushiriza gukora vyinshi mu vy’impwemu mu kwama dukora uko dushoboye kwose kugira ‘turangure ubusuku bwacu bimwe bishitse’.—2 Tim. 4:5, NW.
2 Icobituma: Icipfuzo dufise co kurushiriza gusukurira Umuremyi wacu bimwe bishitse, ni co gituma turushiriza kugira umwete mu busuku turangura. Turipfuza gukura mu buryo bw’impwemu no kurondera ukuntu tworyohora ubusuku turangura. Kugira akamenyero keza tubitumwe n’imvo ibereye bizodufasha gushika ku migambi ya gitewokarasi twishingiye.—Zab. 1:1, 2; Flp. 4:6; Heb. 10:24, 25.
3 Kugira ngo twagure ubusuku turangura bisaba ko dutsimbataza agatima ko gutanga n’ako kwitanga. Agatima bene ako umuntu ashobora kugatsimbataza mu kuzirikana abijanishije n’isengesho ku karorero keza Yezu yasize (Mat. 20:28). Yezu yaragize umunezero mwinshi uvuye ku gukorera abandi mu gihe cose c’ubusuku bwiwe (Ivyak. 20:35). Turashobora kumwigana mu kwerekana ko twitwararika abantu be no mu kutagisha uturyo turonka two gukora vyinshi mu busuku turangura.—Yes. 6:8.
4 Uruhara abavyeyi bafise: Icipfuzo co gukorera abandi no kwagura ubusuku turangura kirashobora kwinjizwa mu bana kuva bakiri bato. Abakiri bato barabona umwete abagize umuryango bafise be n’ukuntu bakora bagatama mu kwagura ubusuku barangura. Umuvukanyi umwe, akiri agahungu gatoyi, yaravyuriwe umutima wo kurushiriza kugira umwete bitumwe n’uko yakorana na sekuru ibikorwa vya gitewokarasi. Kubera ko yabona umwete be n’umunezero sekuru yagira, vyaramuvyuriye umutima wo kurondera uturyo two gukorera abavukanyi biwe. Ubu ni umukozi w’ishengero.
5 Ibikenewe ku bavukanyi: “Nimba hari umuntu arondera gushikira ibanga . . . aba yipfuje igikorwa ciza” (1 Tim. 3:1, NW). Ayo majambo araremesha abavukanyi gukwiza ibisabwa kugira baterwe utundi duteka tw’umurimo mw’ishirahamwe rya Yehova. Ivyo ntibisaba ko umuntu aba afise ubuhanga budasanzwe. Umuvukanyi ashaka gushingwa amabanga, azorondera gushira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere yongere agire umwete mu busuku (Mat. 6:33; 2 Tim. 4:5). Azokwihatira kubera abandi akarorero keza.
6 Kw’isi yose: Yehova ariko arihutisha igikorwa c’itororokanya (Yes. 60:22). Birakenewe bimwe vyihutirwa ko abo bose bariko barakurikiza akarorero ka Yezu barushiriza gukora bimwe bishitse mu busuku barangura. Raporo yo kw’isi yose yo mu mwaka w’umurimo wa 2006 yerekana ko habatijwe abantu 248.327. Tugize incahagati, ni nk’aho ari abantu barenga 680 babatizwa buri musi. Ese twese twobandanya kurondera ukuntu tworushiriza gukora bimwe bishitse mu busuku turangura!