Bavukanyi mukiri bato, mwoba muriko murarondera gushikira amabanga?
1. Umuvukanyi akiri muto yotangura ryari gushira mu ngiro ubuyobozi dusanga muri 1 Timoteyo 3:1?
1 “Nimba umuntu arondera gushikira ibanga . . . , aba yipfuje igikorwa ciza.” (1 Tim. 3:1) Ayo majambo yahumetswe araremesha abavukanyi kurondera gukwiza ibisabwa kugira baterwe uduteka tw’umurimo mw’ishengero. Vyoba bisaba ko uba ukuze kugira ngo urondere gukwiza ivyo bisabwa? Mu bisanzwe, ni vyiza gutangura kurondera gushikira amabanga igihe ukiri muto. Muri ubwo buryo urashobora kumenyerezwa maze ukagaragaza ko ubereye kuzogenwa kuba umukozi w’ishengero niwakura. (1 Tim. 3:10) Nimba uri umuvukanyi akiri muto yabatijwe, ni gute worondera gushikira amabanga?
2. Agatima ko kwitanga kotsimbatazwa gute kandi kogaragazwa gute?
2 Kwitanga: Niwibuke ko uriko urondera gushikira igikorwa ciza, utariko urondera igiti. Ku bw’ivyo, nutsimbataze icipfuzo co gufasha abavukanyi bawe na bashiki bawe. Uburyo bumwe bwo kubigira ni kuzirikana ku karorero keza ka Yezu. (Mat. 20:28; Yoh. 4:6, 7; 13:4, 5) Nusabe Yehova agufashe kuba umuntu yitaho abandi. (1 Kor. 10:24) Woba wofasha mu buryo buboneka abo mw’ishengero bageze mu zabukuru canke bafise ubumuga? Woba witanga kugira uteme ivyatsi canke kugira witwararike iyindi mice ijanye no kubungabunga Ingoro y’Ubwami? Woba wokwitanga ugashikiriza ikiganiro co mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu gihe nyene kugishikiriza atabonetse? Uzosanga kwitangira abandi bikuzanira umunezero.—Ivyak. 20:35.
3. Kuba uwukomeye mu vy’impwemu bihambaye gute, kandi umuntu yobishikako gute?
3 Kuba uwukomeye mu vy’impwemu: Birahambaye cane ko uwusukura mw’ishengero aba akomeye mu vy’impwemu kuruta kuba afise ububangukirwe budasanzwe canke ubuhanga mvukanwa. Umuntu akomeye mu vy’impwemu aragerageza kubona ibintu nk’uko Yehova na Yezu babibona. (1 Kor. 2:15, 16) Aragaragaza “icamwa c’impwemu.” (Gal. 5:22, 23) Ni umwamamazanjili w’umunyamwete ashira imbere ivyungura Ubwami. (Mat. 6:33) Urashobora gutsimbataza kamere z’ivy’impwemu biciye ku kugira akamenyero keza ko kwiyigisha. Ivyo birimwo gusoma Bibiliya buri musi, gusoma buri nomero y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso!, hamwe no gutegura amakoraniro y’ishengero be no kuyitaba. (Zab. 1:1, 2; Heb. 10:24, 25) Igihe Paulo yahimiriza umusore Timoteyo gutera imbere mu vy’impwemu, yanditse ati: “Wame wiyubara . . . ku nyigisho yawe.” (1 Tim. 4:15, 16) Ku bw’ivyo, nutegure neza ibiganiro uhabwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Niwitegurire ubusuku kandi ubugiremwo uruhara udahorereza. Niwishingire imigambi y’ivy’impwemu wongere ugire ivyo ukoze kugira uyishikeko; nk’akarorero, ubutsimvyi, umurimo wo kuri Beteli canke kwitaba rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse. Kuba uwukomeye mu vy’impwemu bizogufasha “[gu]hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto.”—2 Tim. 2:22.
4. Ubwizigirwa bufise agaciro akahe?
4 Kuba umwizigirwa: Kubera ko abavukanyi bari bagenywe ngo bagaburire ibifungurwa abakirisu bari mu nkenero mu kinjana ca mbere “bashingirwa intahe nziza,” bikaba bigaragara ko bari bazwi yuko ari abizigirwa, intumwa ntizahagaritse umutima zibaza niba ico gikorwa coranguwe neza. Ivyo vyaratumye izo ntumwa zitunira ku bindi bintu vyari bihambaye. (Ivyak. 6:1-4) Ku bw’ivyo, igihe ushinzwe igikorwa mw’ishengero, nukirangurane ubushobozi bwawe bwose. Niwigane Nowa, uwakurikije neza ubuyobozi yahawe bwo kwubaka ubwato. (Ita. 6:22) Yehova araha agaciro kamere y’ubwizigirwa kandi iyo kamere irerekana ko umuntu ahumuye mu vy’impwemu.—1 Kor. 4:2; raba uruzitiro ruvuga ngo “Ivyiza biva ku kumenyereza abandi.”
5. Kubera iki abavukanyi bakiri bato bakwiye kurondera gushikira amabanga?
5 Nk’uko vyari vyaravuzwe mu buhanuzi, Yehova ariko arihutisha isarura. (Yes. 60:22) Tugize incahagati, abantu nka 2.500 barabatizwa buri mwaka. Kubera abo bantu bashasha benshi bariko baraza mu kuri, harakenewe abagabo bakwije ibisabwa kugira ngo bitwararike amabanga mw’ishengero. Ubu kuruta ikindi gihe cose, hari ibikorwa vyinshi vyo gukora mu murimo wa Yehova. (1 Kor. 15:58) Bavukanyi mukiri bato, mwoba muriko murarondera gushikira amabanga? Niba ari ukwo, mwipfuza igikorwa ciza cane vy’ukuri!
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 2]
Kubera abantu bashasha benshi bariko baraza mu kuri, harakenewe abagabo bakwije ibisabwa kugira ngo bitwararike amabanga mw’ishengero
[Uruzitiro ku rup. 3]
Ivyiza biva ku kumenyereza abandi
Abavukanyi bakiri bato bakwije ibisabwa bararonka ivyiza igihe abakurambere babashinze ibikorwa bakongera bakabamenyereza. Umusi umwe amakoraniro aheze, hari umucungezi w’umuzunguruko yari yicaye ku mukiruruko ariko araremesha umwamamaji. Yarabonye agahungu kakiri gato gahagaze impande yabo, aca arakabaza niba kari kipfuza kuganira na we. Uwo muvukanyi akiri muto yamwishuye ko yari yashinzwe igikorwa co kuza arasukura ku mukiruruko imisi yose amakoraniro arangiye. Hari hageze ko abavyeyi biwe bataha, ariko we ntiyashaka kugenda atarakora igikorwa ciwe. Uwo mucungezi w’umuzunguruko yarahavuye n’umutima mwiza. Yavuze ati: “Abakurambere bo muri iryo shengero barakunda kumenyereza abavukanyi bakiri bato bakwije ibisabwa mu kubaha ibikorwa mw’ishengero. Ico vyavuyemwo ni uko igihe naba nagendeye iryo shengero ari gake batarata umuvukanyi akiri muto ngo abe umukozi w’ishengero.”