Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
“Noshima kumenya ico wiyumvira kuri iki kintu Yezu yavuze. [Soma Matayo 5:3.] Woba wibaza ko kwitwararika ivy’Imana bihambaye kugira ngo umuntu agire agahimbare? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’uburyo nyakuri bwo kwitwararika ivy’Imana be n’ukuntu twobishikako”.
Réveillez-vous! Myand.
“Wibaza ko abavyeyi bokura hehe impanuro zoshobora vy’ukuri kubafasha? [Rindira yishure.] Raba ico Bibiliya ibivugako [Soma 2 Timoteyo 3:16.] Iki kinyamakuru kirerekana neza na neza ukuntu Bibiliya ishobora kuba ngirakamaro mu gufasha abavyeyi kurera abana bahimbawe”.
Umunara w’Inderetsi 15 Myand.
“Noshima kumenya ico wiyumvira kuri ibi bivugwa ng’aha. [Soma Abaheburayo 3:4.] Woba wemera ko ibiriho bifise Uwabishizeho w’incabwenge? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana nimba kwemera ko ibiriho vyose bifise Uwabishizeho, vyoba bihuje n’ivyo siyansi nyakuri ivuga”.
Réveillez-vous! Myand.
Igihe uhuye n’uwukiri muto, woshobora kuvuga uti: “Benshi mu bo mungana barababajwe n’amajambo y’urusaku bavuzweko. Ivyo vyoba biragushikira? [Rindira yishure.] Bibiliya iratanga impanuro zishobora kudufasha igihe batuvuzeko amajambo y’urusaku. Irerekana kandi ingene twokwirinda kuvuga urusaku”. Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12, uce usoma icanditswe kimwe mu biri muri ico kiganiro.