Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Myand.
Muri iki gihe, turamenyereye cane kubona abantu bafata nabi abandi. Wibaza ko ibintu vyohinduka hamwe abantu batari bake boshira mu ngiro aya majambo ya Yezu? [Soma Matayo 7:12, uce urindira yishure.] Iki kinyamakuru kiratwereka cishimikije Bibiliya ingene agateka zina muntu afitiye uburenganzira kazokwubahwa kakubahirizwa”.
Réveillez-vous! Myand.
“Twese twoshima ko amagara yacu yitwararikwa neza. Wari uzi ko abaganga benshi muri iki gihe bagonanwa gutera abarwayi amaraso? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma bagonanwa. Kirasigura kandi gifatiye kuri Bibiliya igituma Imana ibona ko amaraso ari ay’agaciro”. Soma Abalewi 17:11.
Umunara w’Inderetsi 15 Myand.
“Twagomba kumenya ico wiyumvira kuri iki kintu Yezu yavuze. [Soma Matayo 5:5.] Uyu muhango niwaranguka, wibaza yuko ibintu kw’isi bizoba vyifashe nk’uko tubibona ubu? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirerekana cishimikije Bibiliya ukuntu Yezu azohindura isi. Kirasigura kandi abazoragwa isi abo ari bo”.
Réveillez-vous! Myand.
“Wibaza ko tuzosubira kubona abacu bapfuye? [Rindira yishure.] Ehe raba umuhango Yezu yatanze ku vyerekeye abapfuye. [Soma Yohana 5:28, 29.] Iki kiganiro kirasigura cishimikije Bibiliya ingene bitugendera iyo dupfuye”. Niwerekane ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 28.