Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 1 Myand.
“Kubera yuko isi yigabaguye cane, hari abiyumvira yuko uburyo rudende bwo gushika ku mahoro akwiye kw’isi yose, ari uko hoba intwaro imwe iganza isi yose. Woba wibaza ko ikintu nk’ico coshoboka? [Rindira yishure. Uce usoma Daniyeli 2:44.] Iki kinyamakuru kirarimbura ico Ubwami bw’Imana buriko burarangura muri iki gihe be n’ingene bugiye kuzana amahoro akwiye kw’isi”.
Be maso! 8 Myand. (mu gifaransa)
“Twese turababara igihe twumvise amabi akorerwa abana. Woba uribaza nimba ‘Imana vy’ukuri ibinezwe?’ [Rindira yishure. Uce usoma Zaburi 72:12-14.] Iki kiganiro kiravuga ukuntu Imana yiyumva ku bijanye n’abana be n’ingene ubu bwa vuba igiye gutabara rimwe rizima abo bose bafatwa nabi”.
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Myand.
“Muri iki gihe, abantu baronderera henshi impanuro zerekeye umubano w’ababiranye be n’ukurera abana. Wibaza ko ari hehe hova impanuro nziza kuruta izindi? [Rindira yishure.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi iraca irya n’ino zimwezimwe mu mpanuro ziranga ubukerebutsi zijanye n’ubuzima bwo mu rugo zitangwa n’Umuremyi w’abantu”. Soma Zaburi 32:8.
Be maso! 22 Myand. (mu gifaransa)
“Uburyo ba sebibondo bitaho ubuzima bw’abana babo wibaza ko buhambaye ku rugero rungana iki? [Rindira yishure.] Iyi nomero ya Be maso! iraca irya n’ino ingorane irushiriza kwongerekana y’ukutaboneka kwa ba sebibondo. Irasigura n’ingene ba sebibondo bashobora kugira akosho keza ku bana babo”. Soma Imigani 13:1.