ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/07 rup. 8
  • Duhumurize abafise imitima imenetse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Duhumurize abafise imitima imenetse
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyo bijanye
  • Nuhumurize abatuntuye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ingene imana itanga uruhoza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • ‘Duhoze abagandaye bose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingene twohumuriza abakorewe amabi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2007
km 12/07 rup. 8

Duhumurize abafise imitima imenetse

1 Nta kindi gihe na kimwe muri kahise k’abantu vyari bwakenerwe ko bahumurizwa nk’uko bikenewe muri iki gihe. Dukurikije akarorero k’Umwami wacu Kristu Yezu, na twebwe nyene turashobora “gutubika imitima imenetse”.—Yes. 61:1.

2 Ingene twobigenza: Kugira ngo duhumurize abantu, ubusuku bwacu bukwiye kurangwa n’ugushikiriza inkuru nziza mu buryo buri ku burimbane kandi buremesha. Igihe mu biganiro vyacu tutaguma ku bintu bibi bikorerwa muri iyi si be no ku nyigisho z’ikinyoma, ukuri gushingiye ku Vyanditswe be n’icizigiro giteye umunezero cerekeye ibintu bihumuriza Imana yasezeranye, ni vyo ahanini duca tuguma tuyagako. Ivyo ntibisigura yuko Harumagedoni idakwiye kuvugwa. Igikorwa twashinzwe ni ico gutangaza “umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’umusi wo kwīhōra w’Imana yacu”, be no “kubūrira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi”. Ariko rero, iyo umuntu avuze ibijanye n’imburi yerekeye Harumagedoni akongera akavuga ivy’agatikizo kazohaba, ntibisigura ko aba apfukiranije iciyumviro nyamukuru cerekeye inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.—Yes. 61:2; Ezk. 3:18; Mat. 24:14.

3 Inzu ku nzu: Ku mihana twama twahasanze abantu bihebuye bitumwe n’indwara, ukubura uwabo, akarenganyo canke bitumwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi. Kubera ko twigana Kristu, ‘turaterwa ikigongwe’ n’abo duhura mu busuku, maze tukabagirira impuhwe (Luka 7:13; Rom. 12:15). Naho twosoma icanditswe kimwe canke bibiri bijanye n’ingorane umuntu aba afise, dutegerezwa “gutebuka kwumva”, gutyo bigatuma uwo muntu aserura inyiyumvo ziwe (Yak. 1:19). Tubanje kwumviriza, bica bitworohera kumuhumuriza.

4 Tubonye habonetse akaryo kabereye muri ico kiyago, twoshobora kuvuga duti: “Noshima ko turabira hamwe amajambo makeyi aremesha yo muri Bibiliya”. Turakwiye kubona ibintu mu buryo bwiza kugira ngo ntiturondere guhinyuza iciyumviro ico ari co cose kitari co uwo muntu yotanga. Ahubwo nyabuna, dukwiye kwihatira kumuremesha no kumuhumuriza dukoresheje Ivyanditswe. Mu bijanye n’ivyo, woshobora kuraba igitabu Comment raisonner à partir des Écritures, urupapuro rwa 119-122 (mu giswahili ni ku rupapuro rwa 106-110) munsi y’umutwe uvuga ngo “Encouragement” (Indemesho). Canke woshobora guha uwo wasanze ku muhana ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Uguhumurizwa ku Bihebuye, maze mukarimbura amayagwa aremesha ari muri ko.

5 Turondere uturyo two guhumuriza abandi: Woba uzi umubanyi, uwo mukorana, uwo mwigana canke uwo mu muryango akeneye guhumurizwa? Ubona gute wigoye ukagendera bene abo bantu iwabo ufise intumbero yo kubahumuriza ukoresheje Ivyanditswe? Mu gihe uzi igituma bakeneye impumurizo, urashobora kwitegura ufatiye kuri ukwo kuntu bamerewe. Bamwebamwe baranditse amakete canke baraterefona kugira ngo bahumurize abandi. Urukundo nyakuri dukunda bagenzi bacu ruratuvyurira umutima wo kubagaragariza inyiyumvo nk’izo no kubaha impumurizo bakeneye zo mu Vyanditswe.—Luka 10:25-37.

6 Mu vy’ukuri twashinzwe igikorwa co guhumuriza abatuntuye, kuremesha abababaye no gutuma bagira icizigiro giteye umunezero ca kazoza. Iyo ni yo mpumurizo abantu bo kw’isi yose bakeneye. Kuyaga tunezerewe ibijanye n’ibintu vyiza Imana yasezeranye, bizohumuriza abafise imitima imenetse vyongere bitume bagira icizigiro. Ese twokwama twibuka ko bikenewe yuko dutubika imitima imenetse.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika