ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/08 rup. 1
  • Turashobora kugira ico duhaye Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turashobora kugira ico duhaye Yehova
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twokoresha neza umuyagankuba n’igitoro
    Be maso!—2017
  • Woba uzogira ivyo utanze ku bw’Ubwami?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kubera iki twoha Umwe afise vyose?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 3/08 rup. 1

Turashobora kugira ico duhaye Yehova

1 Wari uzi ko abantu bashobora kugira ico bahaye Imana? Abeli yarashikaniye Yehova ibitungwa vyiwe vyizavyiza kw’ikimazi, Nowa na Yobu na bo nyene baratanze amashikanwa bene ayo. (Ita. 4:4; 8:20; Yobu 1:5) Ariko ntiwumve, bene ayo mashikanwa ntiyatungisha Umuremyi, kubera ko ibintu vyose bisanzwe ari ivyiwe. Yamara, ivyo bimazi vyarerekanye urukundo rugera kure abo bagabo b’intahemuka bakunda Imana. Muri iki gihe, turashobora gukoresha umwanya wacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze mu gushikanira Yehova “ikimazi c’ishemezo.”—Heb. 13:15.

2 Umwanya wacu: Ese ukuntu ari vyiza ko “[t]wicungurira” umwanya tuwukuye ku bintu bidahambaye cane, hanyuma tukawukoresha mu kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku! (Ef. 5:15, 16) Kumbure twoshobora kugira ivyo duhinduye mu vyo dukora kugira dukore ubutsimvyi bwo gufasha ukwezi kumwe canke kurenga mu mwaka. Twoshobora kwongereza umwanya twari dusanzwe tumara mu busuku. Umwanya twahora tumara mu busuku ku ndwi ku ndwi tuwongeyeko iminuta 30, vyotuma n’imiburiburi ku kwezi hiyongerako amasaha abiri!

3 Inguvu zacu: Kugira turonke inguvu dukoresha mu busuku bisaba ko twirinda ivy’ukwinezereza be n’akazi bituruhisha cane ku buryo tudashobora guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi dufise. Turakwiye kandi kwirinda imyitwarariko yoshobora gutuma umutima wacu ‘wicurikira,’ gutyo bikadutwara inguvu twokoresha mu gukorera Imana. (Imig. 12:25) N’igihe nyene twoba dufise imvo yumvikana yo kugira umwitwarariko, vyorushiriza kuba vyiza ‘dukoreye Uhoraho umutwaro wacu’!—Zab. 55:22; Flp. 4:6, 7.

4 Ivyo dutunze: Turashobora kandi gutanga ibintu vy’umubiri dutunze kugira dushigikire igikorwa co kwamamaza. Paulo yaremesheje abakirisu bagenziwe kwama “[ba]shira ikintu ku ruhande” kugira ngo baronke ico baha abari n’ivyo bakeneye. (1 Kor. 16:1, 2) Mu buryo busa n’ubwo, twoshobora gushira ku ruhande igitigiri kinaka c’amahera kugira tuyatangeko intererano ku vyo ishengero ryacu rikeneye be no ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Yehova arakenguruka ivyo dutanga bivuye ku mutima, mbere n’aho twoba dutanze utuntu dukeyi.—Luka 21:1-4.

5 Yehova yaraduhaye ibintu vyinshi. (Yak. 1:17) Turerekana ko dukenguruka mu gutanga tutitangiriye itama umwanya wacu, inguvu zacu, be n’ivyo dutunze kugira ngo tumukorere. Tubigenjeje gutyo, Yehova arahimbarwa cane, “kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”—2 Kor. 9:7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika