Igihe uwo usanze ku muhana avuga urundi rurimi
1. Ni kubera iki biriko birarushiriza gukenerwa ko amashengero asenyera ku mugozi umwe igihe akorera mu cibare cayo?
1 Biriko birarushiriza gushika aho abamamaji b’Ubwami bo hirya no hino kw’isi bahura n’abantu bashimishwa bavuga ururimi rutandukanye n’urwo ishengero ryabo rikoresha. Kugira ngo abantu nk’abo bafashwe mu vy’impwemu, amashami menshi asanga bikenewe ko hashingwa imigwi canke amashengero bikoresha urundi rurimi. Kubera ushobora gusanga mu karere kamwe havugwa indimi zitari nke, amashengero nk’angahe akoresha indimi zitandukanye yoshobora kwamamaza mu cibare kimwe. None ayo mashengero yoshobora gute gusenyera ku mugozi umwe kugira yiyemeze neza ko igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa mu buryo buri ku rutonde?—1 Kor. 14:33.
2. Igihe twamamaza inzu ku nzu, dushobora gute gusenyera ku mugozi umwe n’umugwi canke ishengero rikoresha urundi rurimi ryoba riri mu karere kacu?
2 Gusenyera ku mugozi umwe: Igihe umwamamaji ariko arashinga intahe mw’ibarabara canke akaryo kizanye, arakwiye kuganiriza umuntu wese atitinya, ushizemwo n’aboba bavuga urundi rurimi, kandi agatanga igisohokayandikiro kiri mu rurimi uwo muntu yipfuza gusoma. Ariko rero, igihe ashinga intahe inzu ku nzu ahantu hakorera kandi n’uwundi mugwi canke irindi shengero rikoresha urundi rurimi, muri rusangi akwiye kwitwararika cane imihana y’abantu bavuga ururimi ishengero arimwo rikoresha. Mu gihe amashengero atandukanye yamamaza ahantu hamwe, birahambaye cane ko azigama inyandiko zitunganije neza. Abacungezi b’umurimo bakwiye guhanahana amakuru bakongera bagatunganya ibintu mu buryo bugirira akamaro ayo mashengero yose. (Imig. 11:14) Ariko rero, nimba umwamamaji ahuye n’umuntu avuga urundi rurimi mu busuku bw’inzu ku nzu, kandi hakaba ata shengero rikoresha urwo rurimi ririho mu micungararo, akwiye kugerageza ukwo ashoboye akamubwira inkuru nziza akongera akitwararika uwo muntu yashimishijwe.
3. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe dusanze abamamaji bo mu mugwi canke ishengero rikoresha urundi rurimi bariko baramamaza mu cibare turiko turakoreramwo?
3 Dukora igikorwa kimwe: Ibintu vyotunganywa gute igihe abamamaji bo mu mashengero atandukanye basanze bariko barakorera mu cibare kimwe kandi ku musi umwe? Birumvikana ko urukundo rwa gikirisu ruca rurengera ukudahuza ukwo ari kwo kwose guturuka ku rurimi kandi ko bose baca bitwararika cane ivyo abo mu cibare bakeneye. (Yoh. 13:34, 35) Ku bw’ivyo rero, abaja imbere abandi bazokwerekana ko bakora ibintu mu buryo butegereka kandi buranga urukundo mu guhitamwo nimba umugwi umwe ushobora kuba urakorera mu kindi cibare mu kiringo kinaka.—Yak. 3:17, 18.
4. Ni ubuhanuzi ubuhe buriko buraranguka muri iki gihe?
4 Bibiliya yaravuze yuko abantu bavuga indimi zitandukanye bokwumvise inkuru nziza. (Ivyah. 14:6, 7) Mu gihe amashengero yose akorera mu karere kamwe yosenyera ku mugozi umwe, bizotuma yirinda kugira utwigoro tw’impfagusa, kandi abantu benshi bashasha, ushizemwo n’abavuga urundi rurimi, bazoshikirwa n’inkuru nziza.—Ef. 4:16.