UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi
Abantu barakira neza inkuru nziza iyo bayumvise mu rurimi bonse. Kumbure ni co catumye kuri Pentekoti yo mu 33 Yehova atunganya ko “abagabo [b’Abayuda] batinya Imana, bo mu mahanga yose yo mu yari munsi y’ijuru” bumva inkuru nziza mu ‘rurimi rwabo bwite,’ naho hashobora kuba hari ururimi bahurizako, nk’igiheburayo canke ikigiriki. (Ivk 2:5, 8) Muri iki gihe, mu turere tuvugwamwo indimi nyinshi usanga hari amashengero yamamaza mu cibare kimwe mugabo akoresha indimi zitandukanye. None abamamaji bo muri ayo mashengero bosenyera gute ku mugozi umwe kugira ngo babwire inkuru nziza ababa muri ico cibare bose, batiriwe baratera uruhagarara mu cibare?
Nimuje inama (Img 15:22): Abacungezi b’umurimo bakwiye kwumvikana uburyo bwiza bokoresha kugira baheture neza ico cibare. Nimba ico cibare ari gito, hari aho ishengero rikoresha urundi rurimi ryoshima ko abamamaji bo mu yandi mashengero boza barasimba imihana y’abavuga ururimi iryo shengero rikoresha. Ariko nimba bitama biryorohera guhetura icibare caryo kubera ari kinini, hari aho ryoshima ko mudasimba umuhana n’umwe, ahubwo ko mwoza murabamenyesha abashimishijwe. (od 93 ing. 37) Canke na ho ryobasaba ngo murifashe kurondera abavuga ururimi rikoresha, maze aderese zabo zigashirwa mu rutonde rw’amazu agize icibare caryo. (km 7/12 5, uruzitiro) Nimwibuke ko hari igihe mu muhana umwe mushobora kuhasanga abantu bavuga indimi nyinshi. Intunganyo mwogira kugira muheture neza icibare canyu zikwiye kwubahiriza amategeko agenga ihanahanwa ry’amakuru yerekeye uwundi muntu.
Nugamburuke (Ef 4:16): Nukurikize neza ubuyobozi bwose uhabwa n’umucungezi wanyu w’umurimo. Woba ufise inyigisho ya Bibiliya yoroherwa cane n’ururimi rukoreshwa n’irindi shengero? Hari aho yotera imbere ningoga nka hamwe woyiha abari mw’ishengero canke mu murwi ukoresha urwo rurimi.
Niwitegure (Img 15:28; 16:1): Usanze uwo ugendeye avuga urundi rurimi, nukore uko ushoboye ntugende utamubwiye inkuru nziza. Mu kwitegura, woshobora kwiyumvira indimi zoba zivugwa muri ako karere no kuba uravomera mu kuma kawe ngendanwa Bibiliya zitandukanye n’amavidewo. Woshobora no gukoresha ka gaprograma kitwa JW Language kugira wige ingene baramukanya mu ndimi zimwezimwe.