ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb18 Munyonyo rup. 8
  • Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Ivyo bijanye
  • Igihe uwo usanze ku muhana avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kubwira inkuru nziza umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Twaratunganijwe kugira tubwire bose inkuru nziza
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
mwb18 Munyonyo rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi

Umugabo n’umugore bari mu ndimiro bahuye n’umugabo ari kumwe n’umwana wiwe, bakaba bavuga ururimi rutandukanye n’urwabo

Abantu barakira neza inkuru nziza iyo bayumvise mu rurimi bonse. Kumbure ni co catumye kuri Pentekoti yo mu 33 Yehova atunganya ko “abagabo [b’Abayuda] batinya Imana, bo mu mahanga yose yo mu yari munsi y’ijuru” bumva inkuru nziza mu ‘rurimi rwabo bwite,’ naho hashobora kuba hari ururimi bahurizako, nk’igiheburayo canke ikigiriki. (Ivk 2:5, 8) Muri iki gihe, mu turere tuvugwamwo indimi nyinshi usanga hari amashengero yamamaza mu cibare kimwe mugabo akoresha indimi zitandukanye. None abamamaji bo muri ayo mashengero bosenyera gute ku mugozi umwe kugira ngo babwire inkuru nziza ababa muri ico cibare bose, batiriwe baratera uruhagarara mu cibare?

  • Telefone ngendanwa

    Nimuje inama (Img 15:22): Abacungezi b’umurimo bakwiye kwumvikana uburyo bwiza bokoresha kugira baheture neza ico cibare. Nimba ico cibare ari gito, hari aho ishengero rikoresha urundi rurimi ryoshima ko abamamaji bo mu yandi mashengero boza barasimba imihana y’abavuga ururimi iryo shengero rikoresha. Ariko nimba bitama biryorohera guhetura icibare caryo kubera ari kinini, hari aho ryoshima ko mudasimba umuhana n’umwe, ahubwo ko mwoza murabamenyesha abashimishijwe. (od 93 ing. 37) Canke na ho ryobasaba ngo murifashe kurondera abavuga ururimi rikoresha, maze aderese zabo zigashirwa mu rutonde rw’amazu agize icibare caryo. (km 7/12 5, uruzitiro) Nimwibuke ko hari igihe mu muhana umwe mushobora kuhasanga abantu bavuga indimi nyinshi. Intunganyo mwogira kugira muheture neza icibare canyu zikwiye kwubahiriza amategeko agenga ihanahanwa ry’amakuru yerekeye uwundi muntu.

  • Imihana iri mu cibare

    Nugamburuke (Ef 4:16): Nukurikize neza ubuyobozi bwose uhabwa n’umucungezi wanyu w’umurimo. Woba ufise inyigisho ya Bibiliya yoroherwa cane n’ururimi rukoreshwa n’irindi shengero? Hari aho yotera imbere ningoga nka hamwe woyiha abari mw’ishengero canke mu murwi ukoresha urwo rurimi.

  • Akamenyetso kerekana aho wohitamwo ururimi

    Niwitegure (Img 15:28; 16:1): Usanze uwo ugendeye avuga urundi rurimi, nukore uko ushoboye ntugende utamubwiye inkuru nziza. Mu kwitegura, woshobora kwiyumvira indimi zoba zivugwa muri ako karere no kuba uravomera mu kuma kawe ngendanwa Bibiliya zitandukanye n’amavidewo. Woshobora no gukoresha ka gaprograma kitwa JW Language kugira wige ingene baramukanya mu ndimi zimwezimwe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika