ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb21 Nzero rup. 13
  • Twaratunganijwe kugira tubwire bose inkuru nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twaratunganijwe kugira tubwire bose inkuru nziza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Ivyo bijanye
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Kubwira inkuru nziza umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro—Kubwira inkuru nziza umuntu wese aba mu cibare cacu
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2017
  • Nimusenyere ku mugozi umwe igihe mwamamaza mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
mwb21 Nzero rup. 13
Umuvukanyi ariko akoresha ka gaprograma ka ‘JW Language’ muri tablette yiwe

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Twaratunganijwe kugira tubwire bose inkuru nziza

Nk’uko Yehova yatunganije neza Abisirayeli, aratunganya neza abasavyi biwe muri iki gihe kugira bakore ivyo agomba. Hirya no hino kw’isi, ibiro vy’amashami, imizunguruko n’imigwi yo gusohoka mu ndimiro, vyose birakorera hamwe kugira inkuru nziza ishobore kwamamazwa. Turabwira inkuru nziza uwo ari we wese, ushizemwo n’abavuga izindi ndimi.​—Ivy 14:6, 7.

Woba umaze kwiyumvira kwiga urundi rurimi kugira ufashe abandi kumenya ukuri? Naho woba udafise umwanya ukwiye wo kwiga ururimi, urashobora gukoresha ka gaprograma ka JW Language kugira umenye uburyo bwo gutanguza ikiyago bworoshe. Niwamara kugakoresha mu ndimiro, urashobora kwironkera umunezero nk’uwo abavukanyi bacu bo mu kinjana ca mbere bagize igihe abantu bo mu bindi bihugu bumirwa bumvise “ibintu vy’agatangaza vy’Imana” mu rurimi rwabo bwite.​—Ivk 2:7-11.

RABA IVIDEWO IVUGA NGO NUBE UMUGENZI WA YEHOVA​—TUBWIRE INKURU NZIZA ABANTU BAVUGA URURIMI TUTAZI, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nube umugenzi wa Yehova​—Tubwire inkuru nziza abantu bavuga ururimi tutazi.’ Kalebu ariko yiyumvira ikirobo kiriko kiramufasha kubwira inkuru nziza umugore umwe atazi ururimi rwiwe.

    Ni ryari ka gaprograma ka JW Language kogufasha?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nube umugenzi wa Yehova​—Tubwire inkuru nziza abantu bavuga ururimi tutazi.’ Uburyo bwo kuramukanya buri ku ntango ya ka gaprograma ka ‘JW Language.’

    Ni ibintu bimwebimwe ibihe biyigize?

  • Ishusho yakuwe mw’ividewo ‘Nube umugenzi wa Yehova​—Tubwire inkuru nziza abantu bavuga ururimi tutazi.’ Wa mugore nyene aranezerewe cane Kalebu na Soniya bamuramukije mu gishinwa.

    Abantu bo mu ndimi zose barakeneye kwumva inkuru nziza y’Ubwami

    Ni indimi izihe abantu bavuga mu cibare canyu?

  • Wokora iki hagize umuntu avuga urundi rurimi ashimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami?​—od 100-101 ing. 39-41

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika