ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/08 rup. 4
  • Urashobora kuba umwigisha!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kuba umwigisha!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Woba ubona ko kumenyereza abandi bikenewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Yehova ariko aratumenyereza muri iki gikorwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Bakurambere, mubona gute ivyo kumenyereza abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 11/08 rup. 4

Urashobora kuba umwigisha!

1. Ni akaryo kadasanzwe akahe umwamamaji w’Ubwami wese afise?

1 Umuce umwe mu mice y’ubusuku uzana impera nyinshi kuruta iyindi ni uwo kwigisha umuntu ukuri. Kumubona yakira neza ubutumwa bw’Ubwami hanyuma ukamufasha kwiyegereza Segaba w’ibiriho vyose, ni ikintu dukwiye guha agaciro. (Yak. 4:8) Kwigisha umuntu anyotewe ukuri maze ukihweza ukuntu agira amahinduka ahambaye muri kamere ziwe, mu kuntu abona ibintu, be no mu kuntu yigenza, bikwiye kuba wo mugambi umwamamaji wese w’Ubwami yokwishingira.—Mat. 28:19, 20.

2. Kubera iki hari abibaza ko batoshobora kurongora inyigisho ya Bibiliya, kandi ni igiki cobafasha gutsinda iyo ngorane?

2 Niwiheke kuri Yehova: Mu bihe vya kera, abasuku b’intahemuka baribaza nimba bari gushobora kurangura igikorwa Yehova yaba yabashinze. Ukwiheka kuri Yehova Imana kwaratumye Musa, Yeremiya, Amosi, be n’abandi bantu basanzwe, batsinda ukwikengera baraheza barangura igikorwa gihambaye. (Kuv. 4:10-12; Yer. 1:6, 7; Am. 7:14, 15) Intumwa Paulo na we “[yara]gize ubutinyutsi,” tubivuze ijambo ku rindi, “yavuga ashize amanga.” Uti gute? Yavuze yuko vyashobotse “biciye ku Mana yacu.” (1 Tes. 2:2) Ni ivy’ukuri, twese turashobora kwizigira ko Yehova aturonsa imfashanyo, ubukerebutsi, be n’inkomezi dukeneye kugira ngo turongore inyigisho za Bibiliya zitera imbere.—Yes. 41:10; 1 Kor. 1:26, 27; 1 Pet. 4:11.

3, 4. Ni ukumenyerezwa nyabaki dushobora kwikorako kugira ngo kudufashe kwigisha Ijambo ry’Imana?

3 Niwemere kumenyerezwa: Umwigisha wacu Mukuru, ari we Yehova Imana, aratumenyereza biciye kuri porogarama idahorereza y’inyigisho zo mu vy’impwemu kugira ngo dushobore kuba abigisha babishoboye neza. (Yes. 54:13; 2 Tim. 3:16, 17) Niwemere ukwo kumenyerezwa mu kwungukira bimwe bishitse ku turyo twose tubonetse kugira urushirize gutahura Ivyanditswe wongere uryohore ubuhanga bwawe bwo kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya. Naho iyo ari yo ntumbero nyamukuru y’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi be n’Ikoraniro ry’umurimo, amakoraniro yose y’ishengero aratumenyereza kwigisha ibiva mw’Ijambo ry’Imana.

4 Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo wige uburyo butandukanye bworoshe bwo kwigisha mbere n’ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu. Igitabu Ishure ry’Ubusuku, urupapuro rwa 227, kivuga giti: “Ubwawe utegerezwa kuba utahura neza ikiganiro cawe nimba ushaka ko kiba igitahurika ku bandi.” Gutanga insasanuro ku makoraniro biradufasha kugumiza ivyiyumviro bikurubikuru mu muzirikanyi wacu kugira ngo tuzovyikoreko mu gihe kiri imbere. Ku bw’ivyo rero, niwitegure neza, maze wizigire ko ubushobozi bwawe bwo kwigisha buzokwongerekana.

5. Ni ukumenyerezwa kundi ukuhe turonkera mw’ishengero kudufasha gutera imbere bwa bigisha?

5 Kuva kera na rindi, nta gukeka ko abasuku bakirisu bigira kuri bagenzi babo mu gihe baba bariko barakorera hamwe igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Luka 10:1) Nimba bishoboka, nuze urajana n’abamamaji baciye uruma mu gikorwa co kwigisha Bibiliya, muri abo hakaba harimwo abatsimvyi, abakurambere, be n’abacungezi b’ingenzi. Nurabe ukuntu bakoresha ibigereranirizo vyoroshe be n’ibindi bintu bifasha kwigisha dusanga mu bisohokayandikiro vyacu vyo kwiga kugira ngo basigure ukuri kwo mu Vyanditswe. Nubasabe baguterere ivyiyumviro ku bijanye n’ukuntu ushobora kuba umwigisha mwiza kuruta. (Imig. 1:5; 27:17) Nukenguruke mwene ukwo kumenyerezwa kwose. Kukaba nkako, ni ukumenyerezwa kuva ku Mana.—2 Kor. 3:5.

6. Ahanini, ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu abe umwigisha w’Ijambo ry’Imana?

6 Niwiheke kuri Yehova wongere wungukire ku kumenyerezwa atanga. Nushire mw’isengesho ibijanye n’iterambere ryawe. (Zab. 25:4, 5) Na wewe nyene urashobora kwironkera umunezero uva ku gufasha umuntu kugira ngo abe umwigisha w’Ijambo ry’Imana nkawe!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika