ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 2 rup. 6-7
  • Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Kristu ni we abibereye
  • Imana yoba izoshiraho intwaro izoganza isi yose?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ubwami bw’Imana ni iki? Twokwerekana gute ko tubushaka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Ku bijanye n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 2 rup. 6-7
Yezu arapfukamye, akaba ariko arakiza umugore yitereye mu myaka. Abantu b’imyaka itandukanye bariko baja kuri Yezu.

Umwami w’Ubwami bw’Imana ni nde?

Imana ibicishije ku banditsi ba Bibiliya batari bake, yaramenyesheje ivyoranze uwobaye Umwami w’Ubwami bwayo. Uwo Mwami:

  • Yotowe n’Imana. “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje . . . [Nzoguha] amahanga abe intoranwa yawe n’impera z’isi zibe itongo wigabira.”​—Zaburi 2:6, 8.

  • Yokomotse ku Mwami Dawidi. “Hari umwana atuvukiye, hari umuhungu duhawe . . . Ukugwira kw’ubutware bwa kiganwa be n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ntebe y’ubwami ya Dawidi no ku bwami bwiwe, kugira ngo bushimangirwe.”​—Yesaya 9:6, 7.

  • Yovukiye i Betelehemu. “Nayo wewe, ewe Betelehemu . . . , muri wewe hazomviramwo uwuzoba umutware. . . . Azoba uwuhambaye gushika ku mpera z’isi.”​—Mika 5:2, 4.

  • Yorwanijwe n’abantu bakongera bakamwica. “Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa. . . . Yaracumitwa azira ukugabitanya kwacu; yarajanjagurwa azira amakosa yacu.”​—Yesaya 53:3, 5.

  • Yozuwe mu bapfuye akongera akaninahazwa. “Kuko utazompebera mu kuzimu. Ntuzokwemera ko intahemuka yawe ibona icobo. . . . Ubuhimbare buri iruhande y’ukuryo kwawe ibihe bidahera.”​—Zaburi 16:10, 11.

Yezu Kristu ni we abibereye

Mu bantu bose babayeho, umuntu umwe gusa ni we yakwije ivyo bisabwa biranga Umutegetsi mwiza, na we akaba ari Yezu Kristu. Kukaba nkako, umumarayika yari yabwiye Mariya nyina wa Yezu ati: “Imana [i]zomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, . . . kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”​—Luka 1:31-33.

Yezu ntiyigeze aba umutware kw’isi. Ahubwo riho azoganza abantu ari mw’ijuru, ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. None ni ibiki bituma aba Umutware abibereye? Raba ivyo yakoze igihe yari kw’isi.

  • Yezu yaritwararika abantu. Yezu yarafashije abagabo n’abagore, abato n’abakuze, ataravye amamuko yabo canke ikibanza bafise mu kibano. (Matayo 9:36; Mariko 10:16) Igihe umunyamibembe yamutakambira ati: “Ubishatse gusa, urashobora kumpumanura,” Yezu yaciye amwumvira ikigongwe maze aramukiza.​—Mariko 1:40-42.

  • Yezu yaratwigishije ingene twohimbara Imana. Yavuze ati: “Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” Yavuze kandi ko dukwiye gufata abandi nk’uko natwe twipfuza ko badufata, iyo ngingo ngenderwako ikaba yahavuye yitwa Itegeko ry’agakura. Vyongeye, yarerekanye ko Imana ititaho gusa ivyo dukora mugabo ko iraba n’ivyo twiyumvira. Kugira ngo rero duhimbare Imana, dutegerezwa gucungera ivyiyumviro vyo mu mutima wacu. (Matayo 5:28; 6:24; 7:12) Yezu yarashimitse yuko kugira ngo turonke agahimbare nyakuri dukwiye kumenya ivyo Imana idusaba kandi tukabikurikiza.​—Luka 11:28.

  • Yezu yaratwigishije ico gukunda abandi bisobanura. Ivyo Yezu yavuga n’ivyo yakora vyari bifise ububasha bukomeye kandi vyarakora ku mutima abamwumviriza. “Amasinzi [yara]jorezwa n’uburyo yigisha; kuko yabigisha nk’uwufise ububasha.” (Matayo 7:28, 29) Yarabigishije ‘gukunda abansi babo.’ Yarasabiye mbere bamwebamwe mu bagize uruhara mu kumwica. Yavuze ati: “Data, bababarire, kuko batazi ico bariko barakora.”​—Matayo 5:44; Luka 23:34.

Yezu ni we akwije neza ibisabwa vyo kuba Umutware mwiza w’isi yitwararika abantu kandi abakunda. None yatanguye kuganza ryari?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika