ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/09 rup. 1
  • Twigishe mu buryo bworoshe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twigishe mu buryo bworoshe
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ibintu bitatu vyodufasha kuryohora uburyo twigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Niwigane wa Mwigisha Ahambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Imvugo Itahurika ku Bandi
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • «Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we»
    “Ingo unkurikire”
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 5/09 rup. 1

Twigishe mu buryo bworoshe

1. Umuce umwe uhambaye ujanye no kwigisha mu buryo ngirakamaro kandi butomoye ni uwuhe?

1 Kwigisha mu buryo bworoshe ni ikintu nyamukuru mu bijanye no gutuma inyigisho iba ngirakamaro. Turimbuye uburyo wa Mwigisha ahambaye Yezu yakoresha mu kwigisha, birashobora kudufasha kuryohora “ubuhanga [bwacu] bwo kwigisha.”—2 Tim. 4:2; Yoh. 13:13.

2. Igihe twigisha mu buryo bworoshe hajamwo n’iki, kandi kwigisha gutyo bivamwo iki?

2 Tuvuge mu buryo bworoshe: Ya Nsiguro yo ku Musozi irimwo amajambo y’ukuri atekeye insobanuro igera kure atari bwigere avugwa, yose akaba avugwa mu buryo bworoshe. (Mat., ikig. 5-7) Abantu amasinzi bariko barumviriza Yezu “[barajorejwe] n’uburyo yigisha.” Abapolisi barungitswe kumufata barakozwe ku mutima baca bavuga bati: “Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.” (Mat. 7:28, 29; Yoh. 7:46) Ntibikenewe ko dukoresha amajambo ahanitse, amungane agoye gutahura canke ibigereranirizo birimwo utuntu tw’ido n’ido kugira dutume ukuri kujijura abantu bimwe bishitse. Ukuri kurashobora gusigurwa mu buryo butomoye hakoreshejwe amajambo amenyerewe.

3. Ni kubera iki hari abokwumva umenga bobwira ibintu vyinshi abariko barabumviriza, kandi ivyo umuntu yovyirinda gute?

3 Tugere ivyo tuvuga: Yezu yaritwararika abamwumviriza mu kugera ivyo ababwira mu kiringo kimwe. (Yoh. 16:12) Muri uwo muce, dutegerezwa kuba abantu bazi kwihweza kandi bahuza n’uko ibintu vyifashe, na canecane igihe tubwira inkuru nziza incuti, abantu baherutse gushimishwa canke abana. Turakwiye kuba maso kugira ntitubacucagire ibintu vyinshi n’igihe nyene boba basa n’abariko baradutega yompi. Abantu baba bafise umutima nziraburyarya bazobandanya kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana y’ukuri Yehova.—Yoh. 17:3; 1 Kor. 3:6.

4. Ni kubera iki bihambaye ko twibanda ku vyiyumviro nyamukuru aho kwibanda ku tuntu tw’ido n’ido?

4 Twibande ku vyiyumviro nyamukuru: Yezu ntiyavangatiranya ivyo yaba ariko arigisha mu kubishiramwo ibintu vy’ido n’ido bidakenewe. Igihe yavuga ngo ‘abari mu mva bose bazozivamwo,’ nticari co gihe co kuvuga vyinshi ku bijanye na ya mice ibiri y’abazozuka. (Yoh. 5:28, 29) Igihe turongora inyigisho za Bibiliya, turakwiye kwibanda ku vyiyumviro nyamukuru kandi tukirinda kurondera gushira ibintu bidakenewe mu vyo tuba turiko turayaga.

5. Ni iciza ikihe tworonka igihe twigishije mu buryo bworoshe?

5 Ese ukuntu dukenguruka kuba Yehova yaratwigishije ivyo dukeneye kumenya vyose mu buryo bworoshe! (Mat. 11:25) Ese tworushiriza kugira akigoro ko kwigisha mu buryo bworoshe maze tukagira umunezero uva ku busuku bwimbuka!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika