Ibintu bitatu vyodufasha kuryohora uburyo twigisha
1. Kubera iki tworondera kuryohora uburyo twigisha?
1 Abakirisu bose ni abigisha. Twaba tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere, tugendeye uwashimishijwe, canke turiko turayobora inyigisho ya Bibiliya, tuba turiko turaronsa nya muntu ubumenyi. Kandi ubwo bumenyi si ubusanzwe. Tuba turiko turafasha abantu gutahura “ivyanditswe vyeranda,” bino bikaba bishobora kubagira “inkerebutsi ku bw’ubukiriro.” (2 Tim. 3:15) Ese ukuntu ako ari agateka kadasanzwe! Ng’ibi ibintu bitatu vyodufasha kuryohora uburyo twigisha.
2. Twokwigisha gute mu buryo bworoshe?
2 Twigishe mu buryo bworoshe: Iyo ikintu tukizi neza, biroroshe ko twibagira yuko uwutakizi gishobora kumugora gutahura. Igihe rero tuyobora inyigisho ya Bibiliya, ntituremereze inyigisho n’amakuru adakenewe. Ahubwo nidushimike ku vyiyumviro nyamukuru. Kuvuga menshi si kwo kwigisha neza. (Imig. 10:19) Muri rusangi ni vyiza gusoma ivyanditswe nyamukuru gusa. Tumaze gusoma icanditswe, ni vyiza ko twibanda ku gice c’icanditswe kijanye n’ivyo turiko turiga. Ya Nsiguro yo ku Musozi dusanga muri Matayo ikigabane ca 5 gushika ku kigabane ca 7 irimwo ukuri kwimbitse cane, yamara Yezu yigishije ukwo kuri mu buryo bworoshe kandi akoresheje amajambo make.
3. Ibigereranyo bimaze iki, kandi ni ibigereranyo bwoko ki akenshi usanga ari vyiza kuruta ibindi?
3 Dukoreshe ibigereranyo: Ibigereranyo birafasha kwiyumvira, bigakora ku mutima kandi bigafasha kwibuka. Ntiwiyumvire yuko kugira utange ibigereranyo vyiza utegerezwa kuba uri umutezi w’inkuru. Yezu yakunda gukoresha ibigereranyo bigufi kandi bitagoye gutahura. (Mat. 7:3-5; 18:2-4) Amashusho asanzwe twacapye ku rupapuro na yo nyene yoshobora kuba ngirakamaro cane. Ubanje kuzirikana gatoyi, urashobora kuronka ibigereranyo ngirakamaro.
4. Twokoresha gute ibibazo neza?
4 Dukoreshe ibibazo: Ibibazo bisaba ko uwo twigana Bibiliya yiyumvira. Umaze kubaza ikibazo rero, nurindire. Uciye wihutira kucishura, ntuzomenya vy’ukuri ivyo atahura. Yishuye ibitari vyo, vyoba vyiza umufashije gushika ku ciyumviro c’ukuri mu kumubaza utundi tubazo aho guca gusa umukosora. (Mat. 17:24-27) Ariko ntiwumve, nta n’umwe muri twebwe ari umwigisha atagira agahaze. Ni co gituma Bibiliya ituremesha kwama twiyubara ku kuntu twigisha. Tubigenjeje gutyo tuzokwironkera ivyiza vyamaho twe n’abatwumviriza.—1 Tim. 4:16.