Woba ushobora kwagura umurimo wawe?
1. Ni igiki gikenewe bimwe vyihutirwa mu bijanye n’ubusuku bwo mu ndimiro, kandi kubera iki?
1 Yezu abonye ko abantu benshi bakiriye neza ubutumwa bwiza bw’Ubwami, yaciye abwira abigishwa biwe ngo “[binginge] . . . Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Kubera ko turi mu kiringo ca nyuma c’iyimbura, igikorwa cacu kirihutirwa mbere kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Ivyo bisigura yuko dukwiye kuzirikana tubijanishije n’isengesho ku kuntu tworushiriza kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku bwo mu ndimiro.—Yoh. 14:13, 14.
2. Bamwebamwe bakiriye gute akamo batewe k’uko hakenewe abakozi biyongereye mu ndimiro?
2 Kwagura umurimo: Abenshi, bayobowe na Yehova kandi abibafashijemwo, basanze bishoboka ko bakora umurimo w’ubutsimvyi. (Zab. 26:2, 3; Flp. 4:6) Hari abagize akigoro kadasanzwe kugira bakore ari abatsimvyi bafasha ukwezi kumwe canke arenga mu mwaka. Ivyo vyaragaragaye ko ari uburyo bwiza bwo kwagura ubusuku bwabo. Umunezero uva kuri ako gateka ko gukora ubwo butsimvyi bwo gufasha watumye abatari bake barimbura ivyo kuba abatsimvyi basanzwe.—Ibik. 20:35.
3. Nimba warigeze gukora ubutsimvyi, ni igiki ubu woshima kurimbura?
3 Woba wosubira gukora umurimo w’ubutsimvyi?: Nimba warigeze kuba umutsimvyi, nta nkeka ko wibuka ibintu vyaguhimbara ico gihe. Woba urazirikana ubijanishije n’isengesho ku bijanye no gusubira gukora ubutsimvyi? Ivyatumye uhagarika ubutsimvyi vyoshobora kuba bitakiri intambamyi. Hoshobora kuba harageze ko usubira kwinovora ako gateka kadasanzwe.—1 Yoh. 5:14, 15.
4. Ni akaryo kadasanzwe akahe kari imbere yacu twese?
4 Igikorwa co kwimbura kigeze kure kandi vuba kigiye kurangira. (Yoh. 4:35, 36) Ese twese twosuzuma uko ivyacu vyifashe ubu tukaraba nimba dushobora kugira ivyo duhinduye kugira twongereze uruhara tugira mu ndimiro! Canke naho, nimba dusanze vy’ukuri tudashobora kwagura umurimo wacu, twoba dushobora kurondera uburyo tworushiriza kuba kirumara? (Mrk. 12:41-44) Mbega agateka kari imbere y’abo bose uko ivyabo vyifashe muri iki gihe bibakundira gukoreshwa na Yehova muri uwo murimo udasanzwe!—Zab. 110:3.