ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/09 rup. 1
  • Uzokwishura gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uzokwishura gute?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Numenye Ingene Ukwiye Kwishura
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Niwigane wa Muntu ahambaye mu vyo guhindura abantu abigishwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Gukoresha Ibibazo mu Buryo Kirumara
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Gukoresha neza ibibazo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 9/09 rup. 1

Uzokwishura gute?

1. Ni kubera iki dukwiye kwisunga akarorero ka Yezu igihe tubajijwe ikibazo?

1 Gushika ubu abantu baratangazwa n’ukuntu Yezu yishura ibibazo mu buryo ngirakamaro. Igihe tubajijwe ibibazo bitandukanye mu busuku turangura, vyoba vyiza twiganye ukuntu Yezu yishura abantu.—1 Pet. 2:21.

2. Ni igiki codufasha kwishura ikibazo mu buryo ngirakamaro?

2 Banza utege yompi: Yezu yaritwararika ukuntu awumubajije ikibazo abona ibintu. Rimwe na rimwe ivyo bisaba ko ubaza umuntu ibibazo kugira ngo umenye neza na neza ico ashaka kuvuga. Umuntu akubajije ngo “Woba wizera Yezu?” yoshobora kuba ku bwa ngingo yibaza impamvu udahimbaza Noweli. Igihe utahuye ibintu koko biraje ishinga uwukubajije ikibazo, urashobora kumufasha kuzirikana mu buryo burushirije kuba ngirakamaro.—Luka 10:25-37.

3. Ni ibikoresho ibihe dufise vyodufasha kuronka inyishu zimara akanyota zishingiye ku Vyanditswe?

3 Niwishure ukoresheje Ijambo ry’Imana: Akenshi usanga birushiriza kuba vyiza ukoresheje Bibiliya mu kwishura. (2 Tim. 3:16, 17; Heb. 4:12) Igitabu Comment raisonner be n’ “Imitwe yo kuganirako ishingiye kuri Bibiliya” iri mu Mpinduro y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’ikigiriki, vyaragaragaye ko bifasha gutanga inyishu ibereye. Naho uwabajije ikibazo yoba atemera ko Bibiliya ari yo dukwiye kwisunga, woshobora kuganira na we ubigiranye ukwiyubara ku bijanye n’ico Ivyanditswe vyigisha. Nuremeshe uwo muntu kurimbura yitonze ubukerebutsi bwagaragaye ko ari ngirakamaro dusanga muri Bibiliya. Biciye ku kwigana Yezu, inyishu utanga zizoba “nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza,” ni ukuvuga inyishu ziranga urupfasoni, nziza kandi ngirakamaro.—Imig. 25:11.

4. Ni ryari vyoba vyiza tutagerageje kwishura ikibazo cose tubajijwe?

4 Twoba dukwiye kwishura ikibazo cose tubajijwe? Niba utazi inyishu wotanga ku kibazo kinaka ubajijwe, ntuterwe ubuyega no kuvuga uti: “Nta vyo nzi, mugabo ndashobora kugira ubushakashatsi kuri ico kibazo cawe maze nkazogaruka kukubwira ivyo nzoba natoye.” Ukwo kwifata ruto be n’ubwitwararitsi vyoshobora gutuma umunyamuhana agutumira ngo uzogaruke. Nimba na ho ubonye ko ikibazo kibajijwe n’abakurwanya boba bariko bagerageza kuvyura ibihari, niwigane Yezu mu kuvuga make igihe wishura. (Luka 20:1-8) Muri ubwo buryo nyene, nimba umuntu mu vy’ukuri adashimishwa n’ukuri ariko agerageza kukujana mu bihari, nuhagarike ico kiyago ubigiranye urupfasoni maze ukoreshe umwanya wawe mu kurondera abantu b’inziraburyarya.—Mat. 7:6.

5. Ni akarorero akahe Yezu yasize mu bijanye no kwishura ibibazo?

5 Yezu yari azi ko kwiheka kuri Yehova vyari bihambaye cane kugira ngo arangure igikorwa yari yarashinzwe co “gushingira intahe ukuri,” ivyo bikaba vyari birimwo no kwishura ibibazo bivuye ku mutima. (Yoh. 18:37) Ese ukuntu ari agateka kuba dushobora kwigana Yezu mu kwishura ibibazo bibazwa n’abantu “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera”!—Ibik. 13:48.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika