Hazoshingwa intahe ikomeye
1. Uretse insiguro, ni ikindi kintu ikihe coshobora gukora ku mutima abashitsi bacu ku musi w’Icibutso? Sigura.
1 Aho ni ryari? Ni ku mugoroba w’Icibutso. Haragizwe utwigoro twinshi two gutumira abantu ngo baze bifatanye natwe. Ivyo abashitsi bacu bumva si vyo vyonyene vyoshobora kubakora ku mutima. Umukenyezi umwe yari ahejeje kwitaba Icibutso, yaravuze adomako ivyo yabonye, aravuga ukuntu bose bafatana kigenzi yongera aravuga n’inyubakwa yacu iteye igomwe kandi isukuye yari yubatswe yongera irabungabungwa n’abakora bavyishakiye. Ni co gituma twese, atari gusa umushikirizansiguro, tugira uruhara mu gushinga intahe kuri uwo musi uhambaye kuruta iyindi yose mu mwaka.—Ef. 4:16.
2. Umwe wese muri twebwe yoshobora gute gushinga intahe ku bashitsi?
2 Nuramutse abashitsi ubigiranye igishika: Kumwenyurira abashitsi tubigiranye igishika tukongera tukabaramutsa n’urweze rwinshi bizoshinga intahe. (Yoh. 13:35) Naho nyene utoba ushobora kuvugana n’umuntu wese, urashobora kwidondora abari hafi yawe ubigiranye igishika. (Heb. 13:1, 2) Niwitwararike kuraba abashitsi basa n’abatazi umuntu n’umwe. Bashobora kuba baronse ubutumire mu gihe c’isekeza. Woshobora kubabaza uti: “Bwoba ari bwo bwa mbere muje hano?” Nubasabe mwicarane hanyuma ubishure ikibazo cose boshobora kuba bafise. Nimba ishengero ryanyu ribwirizwa kudateba ahabereye Icibutso kugira ngo irindi shengero rishobore gukoresha iyo nyubakwa, woshobora kumubwira uti: “Nashaka kumenya ukuntu wabonye urubanza. Hoba hariho ukuntu noshobora kukubona?”
3. Twoshobora gute guha ikaze abahororokewe?
3 Nuhe ikaze abahororokewe: Nta gukeka ko abamamaji bahororokewe ari ho bazoba bari, ushizemwo na bamwebamwe bifatanya n’ishengero rimwe mu mwaka ku musi w’Icibutso gusa. Nubahe ikaze kandi ubereke neza ko uhimbawe bimwe bivuye ku mutima no kubabona. (Rom. 15:7) Mu nyuma, abakurambere barashobora kubagendera muhira iwabo badatebaganye kugira ngo babaremeshe kubandanya bifatanya n’ishengero. Dusenga dusaba ko benshi mu bazoba bitavye Icibutso bovyurirwa umutima wo kuninahaza Imana, atari gusa kubera ivyo bazoba bumvise, ariko kandi ‘bivuye ku bikorwa vyacu vyiza bazokwibonera.’—1 Pet. 2:12.