Nubahe ikaze!
1. Ni ikiringo ikihe kituronsa akaryo kadasanzwe ko gushinga intahe, kandi kubera iki?
1 Nta kindi kiringo kituronsa uturyo twiza two gushinga intahe kuruta ihimbazwa ry’Icibutso riba buri mwaka. Rimbura iki kintu: Muri uwu mwaka turiteze abashitsi barenga imiliyoni cumi bazokwitaba Icibutso maze bumve ibijanye n’uburyo bubiri buhambaye kuruta ubundi twagaragarijwemwo urukundo, ubwagaragaye biciye ku ncungu. (Yoh. 3:16; 15:13) Bazomenya ibijanye n’imihezagiro bashobora kwironkera kubera iyo ngabirano Yehova yatanze. (Yes. 65:21-23) Ariko rero, umushikirizansiguro si we wenyene azoshinga intahe muri ico kiringo. Abazoba bari aho bose bazoronka akaryo ko gushinga intahe ikomeye biciye ku guha ikaze abashitsi babigiranye igishika.—Rom. 15:7.
2. Dushobora gute guha ikaze abashitsi tubigiranye igishika?
2 Aho kurondera aho twicara maze tugaca turindira dutekanye ko porogarama itangura, mubona gute twibwirije tukidondora ku bari hafi yacu? Abashitsi bashobora kuba bafise ubwoba kandi batazi neza ibihava biba. Kubamwenyurira tubigiranye igishika no kubaramutsa kigenzi bizotuma bumva bisanze. Kugira ngo tumenye ko umuntu kanaka yitavye Icibutso kubera ko yaronse ubutumire, twoshobora kumubaza niba ari ryo rya mbere yitavye amakoraniro yacu canke tukamubaza niba hari umuntu n’umwe wo mw’ishengero bazinanye. Kumbure woshobora kumusaba ko mwokwicarana maze mugasangira Bibiliya n’igitabu c’indirimbo. Niba hazoba ari ku Ngoro y’Ubwami, vyoshoboka ko umutembereza gatoyi. Insiguro irangiye, numube hafi kugira ngo wishure ibibazo yoba afise. Niba ishengero ryanyu ribwirizwa gusohoka ningoga kugira ribise irindi shengero, woshobora kumubwira uti: “Noshima kumenya ingene wabonye iyi porogarama. Twobonana gute?” Maze uce utunganya ivyo kuzomugendera. Abakurambere bazokenera canecane kwitwararika kuremesha abamamaji bahororokewe bazoba bitavye Icibutso.
3. Kubera iki bihambaye ko twibwiriza tugaha ikaze abashitsi ku Cibutso?
3 Ku bashitsi batari bake, rizoba ari ryo rya mbere bahonja ku munezero, ku mahoro no ku bumwe vyo mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu twiberamwo twebwe abasavyi ba Yehova. (Zab. 29:11; Yes. 11:6-9; 65:13, 14) Ni igiki abashitsi bazoguma bibuka? Ico bazokwibuka kizovana n’ukuntu twibwirije tukabaha ikaze.