Inyishu ku bibazo vyanyu
◼ Twomara igihe kingana gute twiga n’umutohoji wa Bibiliya atera imbere?
Ni vyiza kubandanya kwigisha umutohoji wa Bibiliya atera imbere gushika ahejeje ibitabu bibiri, ari vyo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? hamwe na “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” Ivyo ni ko vyogenda naho uwo mutohoji yobatizwa ataraheza ivyo bitabu vyompi. Amaze kubatizwa, twobandanya gushira kuri raporo umwanya tumara tumwigisha, amasubirayo n’inyigisho ya Bibiliya. Iyo hari umwamamaji yaduherekeje kandi akagira uruhara muri iyo nyigisho, na we nyene yoshobora guharura umwanya.—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2009, urupapuro rwa 2.
Birahambaye ko abashasha bagira umushinge mwiza mu kuri imbere y’uko duhagarika kubigisha. Barakeneye ‘gushinga imizi’ muri Kristu no kuba “[aba]tanyiganyiga mu kwizera” kugira ngo bazoshikame mu bigeragezo bategerezwa guhangana na vyo. (Kol. 2:6, 7; 2 Tim. 3:12; 1 Pet. 5:8, 9) Vyongeye, kugira babe abigisha kirumara, bategerezwa kugira “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Twigishije abatohoji tugaheza vya bitabu bibiri, tuzoba tubafashije kuba abatanyiganyiga uko baca mu ‘nzira ijana mu buzima.’—Mat. 7:14.
Imbere y’uko abakurambere bemerera umuntu kubatizwa, bokwiyemeza ko atahura neza inyigisho za Bibiliya z’ishimikiro kandi ko abaho azisunga. Abakurambere bokwiyubara canecane igihe basuzuma umutohoji ataraheza igitabu ca mbere. Igihe abakurambere basanze umuntu atarakwiza ibisabwa vyo kubatizwa, bokwitwararika kuraba ko aronka imfashanyo akeneye kugira ngo ashobore kuzobatizwa ikindi gihe.—Raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 216-218.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 2]
Birahambaye ko abashasha bagira umushinge mwiza mu kuri