Nubafashe ‘kutanyiganyiga mu kwizera’
Birateye umunezero kubona ingene Yehova ariko arahezagira itororokanywa ry’abantu, aho abarenga 250.000 babatizwa buri mwaka. (Gus. 28:2) Igihe umwamamaji afashije umutohoji akabatizwa, yoshobora kugira impengamiro yo kutabandanya amwigisha, akibanda cane ku gufasha abandi. Uwo mutohoji na we nyene yoshobora kugira impengamiro yo guhagarika kwiga kugira ngo ahebere ubusuku umwanya wiyongereye. Ariko, birahambaye ko abatohoji ba Bibiliya bagira umushinge mwiza mu kuri. Barakeneye ‘gushinga imizi’ muri Kristu no ‘kutanyiganyiga mu kwizera.’ (Kol. 2:6, 7; 2 Tim. 3:12) Ku bw’ivyo, umutohoji amaze kubatizwa, akwiye kubandanya kugirirwa inyigisho ya Bibiliya gushika arangije igitabu Ivyo Bibiliya yigisha be n’igitabu ‘Urukundo rw’Imana.’—Raba Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ndamukiza 2011, ku rupapuro rwa 2.