Aho kubibika, nubikoreshe
Amashengero menshi usanga agifise ibitabu vyinshi vya kera. Ubona gute wironkeje bimwebimwe muri ivyo kugira ubishire mu bubiko bwawe bw’ibitabu vya gitewokarasi? Ego ni ko, hari aho woba uronka amayagwa ari muri bimwebimwe muri ivyo bitabu vya kera ukoresheje ca cegeranyo c’amayagwa yo mu bitabu vyacu citwa Watchtower Library. Ariko rero, biri n’akamaro kuronka n’ibitabu ubwavyo. Woba ufise inyigisho ya Bibiliya itera imbere? Numuremeshe kuronka ivyo bitabu vya kera maze atangure kwigirira ububiko bw’ibitabu. Umucungezi w’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi yokwiyemeza ko ububiko bw’ibitabu bwo ku Ngoro y’Ubwami burimwo ibitabu vyose vya kera ishengero rifise. Ivyo bitabu biracafise agaciro. Ese ingene vyorushiriza kuba vyiza tubikoresheje, aho kubigumiza kw’ikontwari y’ishengero!