Dukoreshanye ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya
1, 2. Abantu benshi babona gute ibisohokayandikiro vyacu, kandi ni ikibazo ikihe gica kivyuka?
1 “Natanguye gusoma ibitabu vyanyu kuva mu 1965. Igihe nsoma ivyo bitabu, ndaraba Bibiliya, kandi ivyo mwandika vyose nsanga bivuga rumwe na Bibiliya. Namye nipfuza kumenya ukuri ntabanduka kwerekeye Imana na Yezu, kandi mvugishije ukuri ndiko ndaronka inyishu nyakuri biciye ku vyo mwandika be no kuri Bibiliya”. Ukwo ni ko umugabo umwe yavuze mw’ikete yandikiye icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova. Muri iryo kete nyene, yarasavye ko yogirirwa inyigisho ya Bibiliya.
2 Cokimwe n’uwo mugabo akenguruka, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi baraha agaciro ibitabu bifasha kwiga Bibiliya bisohorwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Mat. 24:45). Ku mwaka ku mwaka, harasohorwa ibisohokayandikiro vyinshi cane kugira ngo bifashe abantu b’inziraburyarya “[gu]shika ku kugira ubumenyi ntagakosa bw’ukuri” (1 Tim. 2:4, NW). Ni gute twokoreshanya ubukerebutsi ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya?
3. Twokwirinda gute gukoresha nabi ibisohokayandikiro vyacu?
3 Twirinde kubikoresha nabi: Uko igihe kirengana, twoshobora gusanga dufise ibisohokayandikiro vyinshi biruta vy’ukuri ivyo dutegekanya kuzokoresha. Ni igiki none twokora kugira ngo twirinde gukoresha nabi ibisohokayandikiro vyacu vy’agaciro? Turakeneye gukoresha ugutahura igihe twironsa ibisohokayandikiro dukoresha mu busuku. Igihe turondera igisohokayandikiro kanaka co gushikiriza mu busuku, aho gutora vyinshi, twoshobora kwironsa kimwe canke bibiri, hanyuma tukazogaruka gutora ibindi igihe ivyo twatoye twamaze kubishikiriza. Ivyo vyotuma iwacu tutagira ibisohokayandikiro umurengera. No mu gihe nyene twoba dufise ibinyamakuru vyinshi tutashikirije, vyoba vyiza tugabanije igitigiri c’ivyo dusaba.
4. Hokorwa iki nimba mu bubiko bw’ishengero hari ibisohokayandikiro umurengera?
4 Ibisohokayandikiro usanga birundanye mw’ishengero: Nimba mu bubiko bw’ishengero hariho ibisohokayandikiro umurengera, umuhuzabikorwa w’ibisohokayandikiro yoshobora kuvugana n’ayandi mashengero yo muri ako karere kugira ngo arabe nimba ayo mashengero yokoresha ivyo bisohokayandikiro birenze. Abamamaji boshobora gushikiriza ivyo bisohokayandikiro vya kera abo mu miryango yabo batizera, abo barongorera inyigisho za Bibiliya be b’abandi bantu. Abashasha bifatanya n’ishengero bokenguruka cane hamwe boronka ivyo bisohokayandikiro vya kera kugira ngo babishire mu bubiko bwabo bw’ibitabu vya gitewokarasi.
5. Twokwerekana gute ko duha agaciro ibisohokayandikiro vyacu?
5 Twipfuza ko ibisohokayandikiro vyacu bishitsa ico vyagenewe, ico na co akaba ari ugufasha abantu b’inziraburyarya kumenya vyinshi ku vyerekeye imigambi myiza igitangaza ya Yehova. Nk’uko nyene na Yezu atasesaguye imfungurwa zasigaye igihe yagaburira isinzi ry’abantu ku gitangaro, intumbero yacu ikwiye kuba iyo gukoresha neza ibisohokayandikiro vy’agaciro turonswa bishingiye kuri Bibiliya (Yoh. 6:11-13). Ubutumwa burokora ubuzima buri muri ivyo bisohokayandikiro ntibwoshobora gukora ku mutima abantu bakunda ukugororoka hamwe twobugumiza mu bubati bwacu canke mw’ishakoshi yacu tujana mu ndimiro. Ku bw’ivyo rero, dutegerezwa kuba abantu bakora ibitegereka igihe twironsa ibisohokayandikiro tujana mu busuku, tukongera tukabikoreshanya ubukerebutsi kugira ngo abandi bavyungukireko.—Flp. 4:5.