Kimeze gute?
Ico ni ikibazo ciza dukwiye kwibaza ku bijanye n’igitabu, agatabu canke ikinyamakuru ico ari co cose dutegekanya gushikiriza mu ndimiro. Mu gihe gifise amatwi, gicafuye canke gitabaguritse, kirasiga iceyi ishirahamwe ryacu kandi coshobora gutuma uwo tugishikirije atabona ubutumwa bwiza kandi burokora ubuzima buri muri co.
None twofata gute ibitabu n’ibinyamakuru vyacu kugira bigume bisesuka? Benshi baratunganya amasakoshi yabo ku buryo ivy’ubwoko bumwe biba biri kumwe, kandi basanze ari ngirakamaro. Nk’akarorero, barafise ikibanza kigenewe ibitabu, ikigenewe ibinyamakuru n’udutabu, ikigenewe udupapuro tw’inkuru nziza, n’ibindi. Igihe cose basubije Bibiliya n’ikindi gitabu ico ari co cose mw’isakoshi, babisubizayo neza kugira ntivyononekare. Abamamaji bamwebamwe batwarira ibitabu vyabo canke ibinyamakuru vyabo muri mwene twa tuntu babikamwo impapuro (classeurs) canke mu dusaho tubonerana. Uburyo dukoresha bwaba ubuhe, ntidushaka ko haba uwugira imvo yo gutora amahinyu ubusuku bwacu kubera twamuhaye igitabu canke ikinyamakuru cononekaye.—2 Kor. 6:3.