Gushikiriza ibisohokayandikiro mu cibare kirimwo abavuga indimi nyinshi
1. Ni kubera iki amashengero menshi akenera ibisohokayandikiro mu ndimi zo mu mahanga?
1 Mu mihingo myinshi, indimiro isigaye irimwo n’abantu baturuka mu bindi bihugu. Abatari bake muri abo, igihe bigishijwe ibintu mu rurimi rwabo kavukire, ni ho barushiriza kuvyiga ningoga no kubitahura neza. Ni intunganyo izihe zihari kugira ngo abashimishwa baronswe ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi batahura neza kuruta?
2. Amashengero abiri canke arenga akoresha indimi zitandukanye akaba akorera mu cibare kimwe, akwiye gufashanya mu biki?
2 Igihe co gushikiriza ibisohokayandikiro: Igihe amashengero abiri canke arenga akoresha indimi zitandukanye akorera mu cibare kimwe, inama z’abakurambere z’ayo mashengero, zizokorana n’abacungezi b’umurimo kugira ngo zishinge uburyo bworohereza ayo mashengero yose kugira ngo abantu abo ari bo bose bakoresha ururimi kanaka bashikirizwe ubutumwa mu buryo bunogangije. Hari igihe vyosaba yuko rimwe na rimwe ayo mashengero aza araguza ivyibare bimwebimwe. Igihe mutanga ibisohokayandikiro mukongera mugakurikirana uwoba yashimishijwe wese, turabasavye murabe neza ko muyobora uwo mwasanze ku muhana yashimishijwe ku makoraniro y’ishengero agirwa mu rurimi atahura neza kuruta canke yipfuza.—Raba Inyishu ku bibazo vyanyu mu Gikorwa dukorera Ubwami (mu gifaransa) co muri Gitugutu 1990.
3. Ni ryari ishengero rikwiye gushira mu bubiko ibisohokayandikiro vyo mu ndimi zo mu mahanga?
3 Igihe co gushira ibisohokayandikiro mu bubiko: Hokorwa iki igihe mu karere kanaka haba abantu batari bake bavuga ururimi rwo mu mahanga, mugabo akaba ata shengero rikoresha urwo rurimi rihari? Igihe ibintu vyifashe gutyo, amashengero arashobora kubika ibisohokayandikiro nyamukuru bikebike mu biboneka muri urwo rurimi, nk’udupapuro tw’inkuru nziza, udutabu Ni Ibiki Imana Idusaba? na Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana! be n’igitabu Ubumenyi. Abamamaji barashobora gushikiriza ivyo bisohokayandikiro igihe cose bahuye n’umuntu azi gusoma urwo rurimi.
4. Ibisohokayandikiro biri mu rurimi ishengero ridashira mu bubiko, bishobora kuboneka gute?
4 Uburyo bwo kugira komande y’ibisohokayandikiro: Mu gihe ishengero ryoba ridashira mu bubiko ibisohokayandikiro vyo mu rurimi umuntu yashimishijwe ashobora gusoma, ibisohokayandikiro muri urwo rurimi bishobora kuboneka gute? Umwamamaji akwiye kubaza uwujejwe ibisohokayandikiro kugira amenye ibisohokayandikiro biboneka muri urwo rurimi, kugira ngo ishengero niryasaba ibisohokayandikiro ubutaha, azoshobore kugira komande y’ivyo bintu akeneye.
5. Hashobora gukorwa iki mu gihe ibisohokayandikiro bikenewe imbere y’uko igihe gikurikira c’uko ishengero risaba ibisohokayandikiro gishika?
5 Mu gihe umwamamaji akeneye ibisohokayandikiro mu buryo bwihutirwa, yoshobora kubaza umwe mu bagize Komite y’umurimo y’ishengero nimba vyoshoboka ko bisabwa imbere y’uko igihe gikurikira c’uko ishengero risaba ibisohokayandikiro gishika. Ivyo biramutse vyemewe, umuhuzabikorwa mu vy’ibisohokayandikiro canke umuntu yagenywe na we, arashobora kubisaba ibiro vy’ishami mu buryo bwihutirwa biciye kw’ikete canke hakoreshejwe telefone. Ivyo bisohokayandikiro bizorungikwa kuri aderese idahinduka yo kurungikako ibintu canke niba bavyipfuza birungikwe kuri aderese y’imfatakibanza yo kurungikako ibintu. Nimba ishengero risavye ko babirungika mu buryo budasanzwe biciye kw’iposita, rizosabwa kuriha amafaranga yakoreshejwe mu kubirungika.
6. Tuba dufise intumbero iyihe igihe turonsa abantu ibisohokayandikiro vya gikirisu?
6 Nimuze dukoreshe neza ibisohokayandikiro vya gikirisu kugira ngo dufashe “abantu bose”, tutarinze kuraba ururimi bavuga, ‘bashike ku kumenya ivy’ukuri maze bazorokoke’.—1 Tim. 2:3, 4.