Ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi
Bumwe mu buryo buhambaye dushigikira ivy’Ubwami, ni mu gutanga intererano z’amahera ku bw’igikorwa co kwamamaza kirangurirwa kw’isi yose. Bite ho hamwe twoba dufise uburyo buke?
Igihe kimwe Yezu yabonye umupfakazi w’umworo aterera mu dusandugu two mw’ishikaniro ry’urusengero uduceri tubiri tw’agaciro gatoyi. Kubera urukundo yakunda Yehova, “ku bukene bwiwe, [yaratanze] ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose.” (Mrk. 12:41-44) Kuba Yezu yaragize ico avuga kuri ico kintu vyerekana ko intererano uwo mupfakazi yatanze yari ifise agaciro kanini mu maso y’Imana. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntibabona ko gutanga amahera yo gushigikira igikorwa co kwamamaza ari agateka katewe abakirisu batunze gusa. Intumwa Paulo yaravuze akarorero k’Abanyamakedoniya, arerekana ko naho bari mu “bworo . . . bwinshi . . . baguma [binginga] bashimitse rwose . . . ngo baterwe agateka ko gutanga n’umutima ukunze.”—2 Kor. 8:1-4.
Ku bw’ivyo, naho twotanga gusa intererano y’ ‘ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi,’ dukwiye kwibuka ko intererano ntonto nyinshi iyo ziteranijwe zivamwo igitigiri kinini c’amahera. Dutanze tubikuye ku mutima bizohimbara Data wo mw’ijuru atanga cane, kuko ari “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”—2 Kor. 9:7.