Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 30 Ndamukiza 2012. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Kubera iki igitabu co muri Bibiliya ca Yeremiya kidufitiye akamaro? [5 Ntwar., bsi07 rup. 3 ing. 36]
2. Yehova yoshobora gute kuturokora mu ruhamo muri iki gihe? (Yer. 1:8) [5 Ntwar., w05 15/12 rup. 24 ing. 18]
3. Ni ryari abarobanuwe bagarutse mu “mabarabara ya kera” kandi bayagarutsemwo gute? (Yer. 6:16) [12 Ntwar., w05 1/11 rup. 24 ing. 12]
4. Kubera iki vyovugwa ko muri iki gihe “i Gileyadi [hari] umusomozo”? (Yer. 8:21–9:1) [19 Ntwar., w10 1/6 rup. 22 ing. 3–rup. 23 ing. 4]
5. Ni mu buryo ki Yehova ‘yicuza’ amaze guca urubanza? (Yer. 18:7, 8) [2 Ndam., jr rup. 151, uruzitiro]
6. Ni mu buryo ubuhe Yehova yahenze Yeremiya, kandi ivyo tuvyigirako iki? (Yer. 20:7) [2 Ndam., jr rup. 36 ing. 8]
7. Itegeko riri muri Yeremiya 4:3, 4 risobanura iki? [5 Ntwar., w07 15/3 rup. 9 ing. 3]
8. Kubera iki vyari bibereye ko Yehova abwira abasavyi biwe ba kera ati: “[Nagukwegesheje] ubuntu bwuzuye urukundo”? (Yer. 31:3) [23 Ndam., jr rup. 142-145 ing. 8-11]
9. Ni mu buryo ki itegeko ry’Imana ryandikwa mu mitima? (Yer. 31:33) [23 Ndam., w07 15/3 rup. 11 ing. 2]
10. Kwandika ivyete bibiri kandi hagurishijwe itongo rimwe, vyari bifise iyihe ntumbero? (Yer. 32:10-15) [30 Ndam., w07 15/3 rup. 11 ing. 3]