Banza ubarondere imbere yo kwamamaza
1. Ni kubera iki mu turere tuvugwamwo indimi nyinshi usanga ishengero rihabwa icibare hakurikijwe ururimi?
1 Kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., abigishwa ba Yezu bamaze kuronka impwemu nyeranda, baciye “batangura kuvuga mu zindi ndimi” babwira abantu bari baje bava mu mihingo ya kure cane y’isi. (Ivyak. 2:4) Ivyo vyatumye abantu 3.000 babatizwa. Biboneka yuko benshi mu bari ng’aho bari bafise ururimi bahurizako, urushobora kuba rwari igiheburayo canke ikigiriki. Ariko birashimishije kubona Yehova yahisemwo ko ubutumwa bw’Ubwami bushikirizwa mu rurimi kavukire rw’umwumwe mu bari ng’aho. Nta gukeka yuko imwe mu mvo yatumye bigenda gutyo ari uko akenshi abantu barushiriza kwakira inkuru nziza igihe bayumvise mu rurimi rwabo kavukire. Ni co gituma muri kino gihe, mu turere tuvugwamwo indimi nyinshi usanga ishengero rihabwa icibare hakurikijwe ururimi. (Twagizwe ishirahamwe, rup. 107, ing. 1-2) Umugwi ukoresha ururimi runyamahanga ntuhabwa icibare, ahubwo ubwira inkuru nziza abavuga urwo rurimi bo mu cibare c’ishengero uwo mugwi ukukira no mu vyibare vy’ayandi mashengero yo mu micungararo.
2. (a) Ni igikorwa ikihe twogiramwo uruhara, kandi ni ryari vyokenerwa ko tukirangura? (b) Amashengero yofashanya gute gukorera mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi? (c) Dukwiye gukora iki duhuye n’umuntu ashimishwa n’inkuru nziza avuga urundi rurimi?
2 Mu gihe aho tuba abantu bose boba bavuga ururimi rumwe, twoca gusa twamamaza inzu ku nzu. Ariko rero, mu gisagara kibamwo abantu bavuga indimi zitari zimwe hoho, ushobora gusanga ibintu bimeze ukundi. Amashengero akoresha indimi zitandukanye yoshobora kuba yamamaza muri ako karere nyene. Naho abo mu yandi mashengero boshobora kuduha amakuru yerekeye abantu babonye bavuga ururimi ishengero ryacu rikoresha, ishengero canke umugwi turimwo ni ryo ahanini rifise ibanga ryo kurondera abantu twobwira inkuru nziza. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Dufashanye.”) Ni co gituma rero vyokenerwa ko ugira uruhara mu gikorwa co kurondera kumenya aho twosanga abantu bavuga ururimi kanaka. None ico gikorwa co kubarondera twogikora gute?
3. Ni ibiki ishengero canke umugwi vyokwisunga kugira ngo bimenye aho vyokorera igikorwa co kurondera abantu be n’umwanya vyokoresha ku bw’ico gikorwa?
3 Gutunganya igikorwa co kubarondera: Umwanya ishengero ryomara rikora ico gikorwa co kurondera abantu mu vyibare bivugwamwo indimi nyinshi wovana n’ukuntu ibintu vyifashe muri ako karere. Nk’akarorero, ni abantu bangahe bavuga urwo rurimi baba muri ako karere? Hari abamamaji bangahe? Ishengero canke umugwi bimaze kuronka aderese z’abantu bangana gute? Si ngombwa ngo ishengero rikore ico gikorwa ku rugero rumwe mu turere twose, ahubwo riho ryoshobora kwitunira ku turere two mu cibare caryo turimwo abantu benshi cane no mu tundi turere tutari kure cane. Naho ari ukwo, gutunganya neza ico gikorwa birahambaye kugira ngo abantu benshi cane bashoboka baronke akaryo ko kwambaza izina rya Yehova.—Rom. 10:13, 14.
4. (a) Igikorwa co kurondera abantu cotunganywa gute? (b) Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bwodufasha gutora abantu bavuga ururimi rw’ishengero turimwo?
4 Kugira ngo ntiduce bidakenewe aho abandi bamaze guca mu karere usanga ico gikorwa gikeneye gukorwamwo, inama y’abakurambere, canecane umucungezi w’umurimo, irakwiye gutunganya ico gikorwa ikongera ikagihagarikira. (1 Kor. 9:26) Mu migwi ikoresha indimi z’inyamahanga, umuvukanyi abishoboye yatowe n’inama y’abakurambere b’ishengero uwo mugwi ukukira ni we azoyobora ico gikorwa, bikaba vyoba vyiza abaye umukurambere canke umukozi w’ishengero. Amashengero be n’imigwi bitari bike birafise uburyo butunganijwe neza bwo kubanza kwegeranya amakuru. Mu nyuma igikorwa co kubarondera gica gikorwa hakoreshejwe amatelefone canke bakabagendera kugira ngo bamenye aboshirwa ku rutonde rw’abo bazogendera muri ico cibare. Nimba bibereye, inama y’abakurambere b’ishengero umugwi kanaka ukukira yoshobora gutunganya ivy’uko rimwe na rimwe ishengero ryose ryogira uruhara muri ico gikorwa co kurondera abantu.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu wotora abavuga ururimi rw’ishengero urimwo.”
5. (a) Ni inama izihe abamamaji bakora igikorwa co kurondera abantu bokwisunga? (b) Ni ibiki twobwira abantu igihe turi muri ico gikorwa?
5 Umwe wese muri twebwe akwiye kuba afise intumbero itomoye igihe cose agira uruhara muri ico gikorwa co kurondera abantu. Kubera ko ico gikorwa ari umuce w’ubusuku bwacu, muri rusangi dukwiye kwambara nk’abasuku. Benshi basanze ari kirumara kuba barimenyereza ingene bazoyagisha mwene abo bantu, basanga kandi ari kirumara kuvuga nya rurimi igihe bariko barabarondera, kuko bibafasha kuguma bafise igishika bikongera bigatuma barushiriza kuvuga nya rurimi neza. Umwanya tumara turi muri ico gikorwa co kubarondera turashobora kuwuharura, ariko ntidushobora guharura uwo tumara dutegura amakarata y’icibare be n’urutonde rw’ivyibare. Bishitse tugahura n’uwuvuga urwo rurimi, turakwiye kugira akigoro ko kumubwira inkuru nziza hanyuma tugaca tubimenyesha bidatevye umucungezi w’umurimo canke uwundi yagenywe na we kugira ngo bishirwe ku nzandiko z’ivyibare. Ukwo ni ko bikwiye kugenda n’igihe uwo muntu yoba atashimishijwe. Naho ico gikorwa co kurondera abantu gihambaye, turakwiye kugira uburimbane tukagira uruhara mu mice yose y’ubusuku.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Wovuga iki igihe uri muri ico gikorwa?”
6. Igikorwa co kurondera abaragi gifise ingorane izihe cisangije?
6 Kurondera abaragi: Igikorwa co kurondera abaragi gifise ingorane cisangije kandi gisaba akigoro kadasanzwe be n’ukwumira kw’ibanga. Ntiwoshoka umenya ko umuntu ari umuragi uravye gusa izina ryiwe, ukuntu asa canke ukuntu yambaye. Vyongeye, incuti n’abagenzi biwe boshobora kugonanwa guha amakuru abamamaji mu ntumbero yo kugerageza kumukingira. Inama tugira tugirwe zerekeye ukuntu twotora abaragi zoshobora no kudufasha gutora abavuga.
7. (a) Ni ibiki twobaza igihe turonderera abaragi mu turere turimwo imihana? (b) Womara amakenga gute umunyamuhana?
7 Amashengero be n’imigwi bikoresha ururimi rw’ibimenyetso vyararoraniwe mu kuja mu turere turimwo imihana akaba ari ho babariza abakoresha nya rurimi. Hari igihe umunyamuhana aba yarabonye umubanyi wiwe, uwo bakorana canke uwo bigana akoresha ururimi rw’ibimenyetso. Ashobora kuba yarabonye icapa kw’ibarabara kimenyesha ko mu micungararo hari abana b’abaragi. Canke hari aho yoba afise incuti y’umuragi. Uragumiza ku muzirikanyi yuko kubagendera vyoshobora gutuma bagira amakenga. Naho ari ukwo, urashobora gutuma uwo munyamuhana asubiza umutima mu nda mu kumufata kigenzi koko no mu kuvuga muri make ikikugenza, udacisha ku ruhande kandi mu buryo buranga urupfasoni. Hari abo bigendera neza igihe beretse umunyamuhana akadisiki DVD ka Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso canke akandi kadisiki ko mu rurimi rw’ibimenyetso igihe baba bariko baramubaza nimba yomenya umuntu w’umuragi. Mu nyuma baca bamubwira gusa ko bipfuza kuganiriza mwene abo bantu ku bijanye n’icizigiro Bibiliya itanga. Mu gihe uwo munyamuhana agonanwe kuguha amakuru, hari aho yokwemera ko umuha agakarata kariko aderese yawe canke agapapuro k’ubutumire bw’amakoraniro, hanyuma akagashikiriza umugenzi wiwe canke incuti yiwe y’umuragi.
8. Ishengero ribanyi ryoshobora gute gufasha ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso?
8 Umusi umwe canke ibiri mu mwaka, ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryoshobora gutumira ishengero ribanyi rikoresha urundi rurimi kugira ngo ribafashe kuronderera mwene abo bantu muri kamwe mu turere turi mu cibare cabo kinini. Mw’ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro ryoyoborwa n’iryo shengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso hoshobora gutangwa ubuyobozi bw’ukuntu ico gikorwa cogenda kandi hakagirwa umwerekano. Nimba bishoboka, vyoba vyiza n’imiburiburi umwamamaji umwe wo mw’ishengero rikoresha ururimi rw’ibimenyetso aherekeje abandi bamamaji mu cibare gikorerwamwo ico gikorwa.
9. Igikorwa co kurondera abaragi cokorwa gute ahantu bakunda guhurira no kwisamariza canke aho bafashirizwa mu bintu kanaka?
9 Igikorwa co kurondera abaragi coshobora gukorerwa aho bizwi ko bakunda guhurira no kwisamariza canke aho bafashirizwa mu bintu kanaka mu kibano. Abamamaji bakwiye kwambara mu buryo buhuye n’ico gikorwa. Vyoba vyiza tuganirije umuntu umwe canke babiri mu bari ng’aho kandi tubigiranye ukwiyubara, aho kuganiriza umugwi wose w’abari ng’aho icarimwe. Ico kiyago kigenze neza, mwoshobora kumbure guca muhana amakuru y’ingene mwosubira kuvugana.
10. Abamamaji bashobora gute kurondera abaragi mu bibanza vyo mu cibare cabo bikorerwamwo ivy’ubudandaji?
10 Ubundi buryo bwokoreshwa ni ugutegura amakarata yerekana ibibanza vyo mu cibare bikorerwamwo ivy’ubudandaji hanyuma umuntu akahagendera mu gihe kibereye. Ikarata imwe yoshobora gushirwako ibibanza nka bingahe banywesherezamwo igitoro. Ku yindi karata na ho hoshobora gushirwako inyubakwa bamesurizamwo impuzu, uburiro, amahoteli canke inyubakwa zikorerwamwo ibindi bintu bijanye n’ubudandaji. Nimba amakarata yose yerekana ubwoko bumwe bw’ibibanza vy’ubudandaji, abamamaji boshobora rero gukoresha uburyo bumeze kumwe bwo kurondera abaragi, maze ivyo bigatuma bamenyera ico gikorwa bakagira n’ubuhanga. Nk’akarorero, kubera ko akenshi amahoteli yakira abaragi, twoshobora gusigurira muri make ivyerekeye igikorwa cacu uwakira abantu hanyuma tukamuha agapaki twashizemwo akadisiki DVD be n’agapapuro k’ubutumire bw’amakoraniro y’ishengero kugira ngo bihabwe ingenzi z’abaragi ziza muri iyo hoteli. Mu bibanza bimwebimwe bikorerwamwo ivy’ubudandaji, twoshobora gusa kubaza niba hari umukozi canke abakiriya bama bahaza bakoresha ururimi rw’ibimenyetso. Niba muri ico cibare hari ishure ry’abaragi, twoshobora kubaha tumwetumwe mu tudisiki DVD twacu bakadushira mu bushinguro bwabo.
11. Kubera iki igikorwa co kurondera abantu ari umuce uhambaye w’ubusuku bwacu?
11 Ni igikorwa gihambaye: Kurondera abantu muvuga ururimi rumwe vyoshobora kuba urugamba. Ikigeretseko, abo mu turere tumwetumwe barashobora guhindagurika ningoga kubera ko hari abaza barimukanga, bigatuma bitoroha ko inzandiko z’ivyibare ziguma zihuje n’igihe. Naho ari ukwo, mu turere dutera twiyongera igikorwa co kurondera abantu ni umuce uhambaye w’ubusuku bwacu. Yehova, we yadushinze igikorwa co kwamamaza, ntagira nkunzi. (Ivyak. 10:34) “Agomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4) Ese rero twosenyera ku mugozi umwe na Yehova hamwe na bagenzi bacu mu kurondera abantu b’indimi zose bafise “umutima mwiza kandi umeze neza.”—Luka 8:15.
[Uruzitiro ku rup. 5]
Dufashanye
Mu gihe ishengero canke umugwi vyipfuza gufashwa kurondera abantu bavuga ururimi bisanzwe bikoresha, umucungezi w’umurimo yoshobora kuvugana n’abakurambere b’ayandi mashengero akoresha urundi rurimi ari mu micungararo. Vyoba vyiza avuganye gusa n’amashengero atari kure cane canke usanga mu vyibare vyayo hari abantu benshi bavuga urwo rurimi. Ayo mashengero yoca amenyesha abamamaji bayo yuko baramutse bahuye n’umuntu avuga urwo rurimi bakwiye guca bandika aderese yiwe hanyuma bakayiha umucungezi w’umurimo, kugira ngo na we ayihe ishengero canke umugwi vyoyisaba. Abacungezi b’umurimo b’amashengero vyerekeye barashobora gutunganiriza hamwe uburyo buborohereza bose bwo gukorera mu cibare kivugwamwo indimi nyinshi no kurungika abashimishijwe mw’ishengero canke mu mugwi bikoresha ururimi abo bantu bavuga.
Igihe abamamaji bahuye n’umuntu avuga urundi rurimi akagaragaza vy’ukuri ugushimishwa (canke umuragi), bakwiye guca buzuza ka gakaratasi kavuga ngo Turabasavye mukurikirane uwu muntu yashimishijwe (S-43) hanyuma bagaca bagaha umunyamabanga w’ishengero. Ivyo bizotuma uwo muntu aronka imfashanyo yo mu vy’impwemu mu maguru masha.—Raba km 5/11 rup. 3.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Ukuntu wotora abavuga ururimi rw’ishengero urimwo
• Nubaze abandi, baba inyigisho za Bibiliya, incuti, abo mukorana, n’abandi n’abandi.
• Nukoreshe igitabu kirimwo amazina y’abantu n’inomero za telefone zabo kugira uronke amazina abantu bavuga urwo rurimi bakunze kuba bafise.
• Ubigiranye ukwiyubara, nubarize mu bibanza bigenewe abantu bose, nk’ahari ubushinguro bw’ibitabu, ibiro vya Leta no ku bigo vya kaminuza.
• Nufate ikinyamakuru urabe ko ata matangazo avuga ivyerekeye ibikorwa abavuga ururimi runyamahanga bategekanya kuzokorera ahantu kanaka.
• Nugendere ibibanza bikorerwamwo ivy’ubudandaji be n’amaduka biri mu cibare bigenewe abavuga ururimi runyamahanga.
• Ubanje kubisabira uruhusha, nushire imeza iriko ibitabu ahakorerwa ivy’ubudandaji, aho abanyeshure ba kaminuza bahurira canke ku bituro vy’amabisi aho abavuga nya rurimi bakunze kuba bari.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Wovuga iki igihe uri muri ico gikorwa?
Kuganiriza abantu kigenzi, bivuye ku mutima kandi udacisha ku ruhande bizotuma batagira amakenga. Akenshi biraba vyiza ubanje kwereka umuntu ibitabu vyo muri urwo rurimi.
Uhejeje kumuramutsa, woshobora kuvuga uti: “Turiko turondera abavuga ․․․․․ kugira ngo tubabwire icizigiro Bibiliya itanga. Hari uwo woturangira?”
Igihe urondera abaragi, woshobora kuvuga uti: “Ndabaramukije. Noshobora kubereka iki kintu? [Ukoresheje akuma kerekana amavidewo, numwereke umurongo umwe mu kadisiki DVD ka Bibiliya y’isi nshasha.] Ako ubonye ni agace ka Bibiliya yo mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Uretse Bibiliya, turafise n’ayandi mavidewo menshi dutanga ku buntu agenewe gufasha abaragi kumenya Imana. Hari umuntu uzi w’umuragi canke atumva neza akoresha ururimi rw’ibimenyetso?” Niba uwo muntu ata we yibutse, akenshi biraba vyiza uciye umuha uturorero tw’aho yoshobora kuba yarabonye umuntu w’umuragi, nko ku kazi, kw’ishure canke mu kibano.