Nukoreshe umuhora wacu wo kuri Internet mu kwigisha abana bawe
1. Igice co ku muhora wacu wo kuri Internet kivuga ngo “Abana” gifise intumbero iyihe?
1 Umuhora wacu wo kuri Internet jw.org utunganijwe ku buryo ushimisha abantu b’imyaka itandukanye. Igice co kuri uwo muhora kivuga ngo “Abana” (raba ahavuga ngo Inyigisho zo muri Bibiliya > Abana) kirafasha abana batoyi be n’abavyeyi babo kwiyegerezanya no kwiyegereza Yehova. (Gus. 6:6, 7) Wokoresha gute ico gice mu kwigisha abana bawe?
2. Woshobora gute gutora ivyigwa bihuye n’imyaka abana bawe bafise?
2 Nuhuze n’uko ivy’umwe wese vyifashe: Umwana umwe wese usanga afise ibintu akeneye yisangije. (1 Kor. 13:11) None woshobora gute gutora ivyigwa bihuye n’imyaka abana bawe bafise? Niwibaze uti: ‘Ni igiki coshimisha abana banje? Botahura ibingana iki? Bashobora kumara umwanya ungana gute bituniye ku cigwa?’ Ku bana bafise imyaka itatu canke abatarayishikana, mwoshobora kuyaga inkuru ziri ahavuga ngo “Ivyigwa vyanje vya Bibiliya.” Hari iyindi miryango yiga inkuru zo muri Bibiliya ziri mu gice kivuga ngo “Niwigishe abana bawe.” Raba kandi ibi vyiyumviro.
3. Abavyeyi bashobora gute gukoresha mu buryo kirumara inkuru be n’udukorwa biri ahavuga ngo “Udukorwa tugenewe Ugusenga kwo mu muryango”?
3 Udukorwa tugenewe Ugusenga kwo mu muryango: Utwo dukorwa ni ibikoresho bifasha ba serugo kwiga n’abana babo. Kugira ngo umenye ukuntu wokoresha inkuru be n’udukorwa bihari, nufyonde ahari akamenyetso ko kuvoma, maze usome “Ubuyobozi buhabwa abavyeyi” ku bw’agakorwa kamwekamwe kose. Nukoreshe udukorwa tujanye n’amashusho, nk’utujanye n’impapuro zo gusiga amabara, mu kwigisha abana bawe batoyi cane. Nufashe abana bawe bisumbuye kwuzuza ahari udukorwa two kwiyigisha. Kubera ko udukorwa twose two gukora turi muri buri gakorwa kagenewe Ugusenga kwo muryango usanga twerekeye inkuru imwe yo muri Bibiliya canke icigwa kimwe, abana b’imyaka itandukanye barashobora kugira uruhara mu gakorwa kamwe kagenewe ugusenga kwo mu muryango.
4. Ni ibiki biri mu gice kivuga ngo “Nube umugenzi wa Yehova”?
4 Nube umugenzi wa Yehova: Amavidewo, indirimbo be n’udukorwa biri muri ico gice co ku muhora wacu wo kuri Internet birafasha abavyeyi gushimangira Ijambo ry’Imana mu bana babo batoyi. (Gus. 31:12) Buri videwo ya dessin animé ngufi irigisha icigwa gihambaye. Udukorwa nk’utujanye no kurondera ahari ibintu kanaka turashimika ku kamaro k’ivyo vyigwa. Kubera ko abana usanga akenshi bakunda kuririmba, kandi indirimbo zikaba zifasha abana kuguma bibuka ivyo baba bize, indirimbo z’Ubwami be n’izatunganijwe ahanini ku bw’abana zama zishirwa kuri uwo muhora.
5. Ni kubera iki abavyeyi bakwiye gusaba Yehova ngo abafashe kwigisha ukuri abana babo?
5 Bavyeyi, Yehova yipfuza ko muba ba inabibondo na ba sebibondo baroranirwa. Ku bw’ivyo, nimumusabe abafashe kwigisha ukuri abana banyu. (Abac. 13:8) Mubifashijwemwo na Yehova, murashobora kwigisha abana banyu bakazoba “inkerebutsi ku bw’ubukiriro biciye ku kwizera kujanye na Kristu Yezu.”—2 Tim. 3:15; Imig. 4:1-4.