Nukoreshe jw.org mu busuku—“Nube umugenzi wa Yehova”
Igice kivuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya” co ku muhora wacu jw.org kirimwo umuce ugenewe abana witwa “Nube umugenzi wa Yehova” ugizwe n’indirimbo, amavidewo, be n’udukorwa. Woba umaze gukoresha uwo muce mu busuku? Nimba wigana Bibiliya n’umuvyeyi afise utwana dutoya, ubona gute umweretse aho hantu? Ivyo vyoshobora gutuma araba ibindi bintu vyo ku muhora wacu.
Igihe umuvukanyi umwe yariko aratanga Inkuru y’Ubwami No. 38, yarahuye n’umugore umwe hanyuma amuha ako gapapuro. Akimara kukamuha, yaciye atangura kugasoma. Uwo mugore yari afise abana batoyi bashaka kumenya ibiri muri ako gapapuro. Uwo muvukanyi yarasiguye muri make ibirimwo maze arabereka aderese y’umuhora wacu inyuma kuri nya gapapuro. Kubera ko uwo mugore yerekanye ko ashimishijwe, uwo muvukanyi yaciye aboneraho akaryo ko kumwereka ari kumwe n’abana biwe imwe muri ya mavidewo ya Kalebu, akoresheje akuma kiwe ngendanwa.
Mushiki wacu umwe yarabwiye uwo bakorana afise abana batoyi ibijanye n’umuhora wacu be n’amakuru ariko yateguriwe imiryango. Uwo mugore yaragiye ku muhora wacu ari kumwe n’abana biwe. Mu nyuma, yabwiye uwo mushiki wacu yuko abana biwe baguma bazunguruka inzu baririmba ngo “Ryigishe,” urwo rukaba ari rumwe mu ndirimbo ziri ahavuga ngo “Nube umugenzi wa Yehova.”
Numenye neza uwo muce wa jw.org kandi uvome ividewo, ururirimbo, canke agakorwa, ubishire mu kuma kawe ngendanwa. Niwabigenza gutyo, uzoba witeguriye gukoresha ico gihimba ca jw.org mu busuku. Emwe, ico ni igikoresho c’agaciro kizodufasha gushumbira Umukama!—Ivyak. 20:19.