Nukoreshe umuhora wacu mu busuku—“Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya”
Mu gice co kuri jw.org kivuga ngo “Inyigisho zo muri Bibiliya” harimwo ikindi gice kivuga ngo “Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya.” Tuzi ibibazo biri muri ico gice, vyotworohera kwerekeza uwo turiko turayaga atubajije kimwe muri ivyo bibazo kuri uwo muhora wacu kugira aronke inyishu zishingiye kuri Bibiliya. Ivyo bibazo twobikoresha kandi mu gutanguza ibiyago. Twohitamwo ikibazo gikwegera abantu bo mu cibare, tukabaza umuntu ico aciyumvirako, tugaca tumubwira ico Bibiliya ikivugako dukoresheje ivyiyumviro vyatanzwe kuri jw.org. Twoca tumusigurira aho twakuye ayo makuru canke tukahamwereka. Ubundi buryo twokoresha ni ukumureka akisomera inyishu kuri jw.org. Umukenyezi umwe w’umucungezi w’ingenzi akunze kubaza uwo baganira ati: “Abantu benshi baribaza ngo ‘Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?’ Woshima kumenya inyishu y’ico kibazo mu masegonda 51 gusa?” Aca amwumvisha akoresheje akuma kiwe ngendanwa inyishu y’ico kibazo yavomye kuri internet. Mu gusozera aca yereka uwo muntu ikigabane ca 11 c’igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Niba ikiganiro ukeneye kitafashwe amajwi mu rurimi wifuza, urashobora kukimusohorera ku rupapuro canke naho ukamurungikira aderese yokironkako.