Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi
Yezu yadutegetse kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami “mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Kugira tworoherwe no ‘kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse,’ ya mihora yo kuri Internet, ari yo watchtower.org, jw-media.org, be na jw.org yarapoperanirijwe mu muhora umwe wa jw.org watunganijwe bushasha.—2 Tim. 4:5.
“Mw’isi yose”: Hafi ica gatatu c’abantu baba kw’isi barakoresha Internet. Isigaye ari co gikoresho nyamukuru abantu benshi, canecane urwaruka, bakoresha mu kurondera amakuru. Umuhora wacu uratuma abakoresha Internet baronka inyishu z’ukuri z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Urabafasha kumenya ishirahamwe rya Yehova ukongera ugatuma boroherwa no gusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana ata co barishe. Uratuma inkuru nziza ishika mu turere tw’isi aho abantu baronka uturyo dukeyi two kwumva ubutumwa bw’Ubwami.
“Ku mahanga yose”: Kugira ngo twamamaze ku “mahanga yose,” dutegerezwa gushikiriza ukuri kwa Bibiliya mu ndimi zitandukanye. Abinjira mu muhora wa jw.org barashobora kuronka bitabagoye amakuru mu ndimi nka 400, izo zikaba ziruta iziboneka ku wundi muhora uwo ari wo wose wo kuri Internet.
Nuwukoreshe neza: Wa muhora wo kuri Internet jw.org watunganywa bushasha ntugenewe gusa kwamamaza ku batemera. Washizweho kugira ngo Ivyabona vya Yehova na bo nyene bawukoreshe. Niba ushobora kuronka Internet, tukuremesheje kumenya ibijanye n’umuhora wa jw.org. Amakuru akurikira arimwo ivyiyumviro bimwebimwe vyerekana ingene twowukoresha.
[Igicapo ku rup. 3]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Bigerageze
1 Niwandike www.pr418.com mu kumba kandikwamwo umuhora.
2 Niwinjire muri wo mu gufyonda umuce ushaka kujamwo uri amaja hejuru, aherekana imice itandukanye woshobora kwinjiramwo, hanyuma uhitemwo mu biri ng’aho maze uce uza urafyonda ahanditse ibijanye n’ivyo urondera.
3 Nugerageze gukoresha uwo muhora wa jw.org ku gakoresho kawe ngendanwa karimwo Internet. Ibiboneka ku kiyo vyaratunganijwe ku buryo bishobora gukwira no ku kayo gatoyi, ariko amakuru aguma ari ya yandi nyene.