Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu busuku bwawe
Nuremeshe abantu gukoresha uwo muhora: Abantu bamwebamwe bagonanwa kuganira natwe canke kwakira ibinyamakuru vyacu, usanga bashima kumenya ibijanye n’Ivyabona vya Yehova mu kuraba kuri wa muhora wo kuri Internet wa jw.org bari muhira iwabo. Ku bw’ivyo, nubwire abandi ibijanye n’uwo muhora igihe cose uronse akaryo kabereye.
Nuwukoreshe mu kwishura ibibazo: Birashika uwo tuganira mu busuku, uwashimishijwe canke uwo tuzinanyi akabaza ikibazo cerekeye Ivyabona vya Yehova canke ivyo twemera. Nuce umwereka inyishu ukoresheje agakoresho ngendanwa canke orodinateri. Akenshi usanga ari vyiza gusoma muri Bibiliya ivyanditswe vyatanzwe. Niba udafise Internet, nusigurire uwo muntu ukuntu yokoresha wa muhora jw.org kugira ngo yironderere inyishu.—Nuce ahanditse ngo “ La Bible et vous ” hanyuma “ Questions bibliques ” canke ahanditse ngo “ Qui sommes-nous ? ” hanyuma “ Questions fréquentes. ”
Nurungikire ikiganiro canke igisohokayandikiro umuntu uzi: Nushire ikiganiro wavomye kuri Internet kiri mu buryo bwa PDF canke bwa EPUB mu butumwa urungikiye umuntu kuri Internet. Canke uvome amayagwa y’igisohokayandikiro yafashwe amajwi maze uyashire kuri CD. Igihe cose uhaye umuntu atarabatizwa igisohokayandikiro kiri mu buryo bwa elegitoronike gikwiye, caba igitabu, agatabu canke ikinyamakuru, urashobora kwandika kuri raporo ko watanze igitabu, agatabu canke ikinyamakuru. Ntukwiye kurungika ivyo bintu utivuze uwo uri we canke ngo ubirungike ari vyinshi. Kandi ntibikwiye kwimurirwa mu wundi muhora wa Internet uwo ari wo wose.—Nuce ahanditse ngo “ Publications. ”
Numwereke amakuru ya vuba yerekeye Ivyabona vya Yehova: Ivyo bizofasha abatohoji ba Bibiliya be n’abandi bantu tuba twagendeye kurushiriza gutahura igikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose be n’ubumwe bwa gikirisu dufitaniye. (Zab. 133:1)—Nuje ahanditse ngo “ Actualités. ”
[Igicapo ku rup. 5]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Bigerageze
1 Uciye ahanditse ngo “ Publications ” nurondere ico wipfuza kuvoma, maze ufyonde bivanye n’ivyo urondera, caba ari igisomwa canke ivyafashwe amajwi.
2 Nufyonde ahanditse MP3 kugira ubone urutonde rw’ibiganiro biri muri ico gisohokayandikiro. Nufyonde umutwe w’ikiganiro kugira ukivome canke ufyonde kuri ▸ kugira ucumvirize kuri Internet.
3 Nuhitemwo urundi rurimi mu zitondetse ng’aha nimba wipfuza kuvoma igisohokayandikiro co muri urwo rurimi.