Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu gufasha umuntu avuga urundi rurimi
Numwereke uwo muhora wacu: Numwereke ingene yokoresha ahatondetse indimi, handitse “ Langue ” kugira abone ibiri kuri uwo muhora mu rurimi rwiwe. (Mu ndimi zimwezimwe, haboneka amakuru makeyi gusa.)
Numwereke uwo muhora mu rurimi rwiwe: Nufyonde kuri kimwe mu bisohokayandikiro vyacu kugira ubone urupapuro rwaco, nka ca gitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke ka gapapuro k’inkuru nziza Woba ushaka kumenya ukuri? Nufyonde ku rurimi uwo muntu avuga uciye ahanditse “ Lire en. ”
Numwumvishe ikiganiro: Nurondere ikiganiro coba carafashwe amajwi mu rurimi rwiwe, maze uce ukimuvugiriza. Niba uriko uriga urundi rurimi, nururyohore mu kwumviriza amayagwa yafashwe amajwi muri urwo rurimi igihe uriko urasoma.—Nuce ahanditse “ Publications ” hanyuma “ Livres et brochures ” canke ahanditse “ Publications ” hanyuma “ Revues. ”
Kubwira inkuru nziza umuragi: Uhuye n’umuragi, numwereke ividewo y’ikigabane ca Bibiliya, y’igitabu, y’agatabu canke y’agapapuro k’inkuru nziza mu rurimi rw’ibimenyetso.—Nuce ahanditse ngo “ Publications ” hanyuma “ Language des signes. ”
[Igicapo ku rup. 6]
(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)
Bigerageze
1 Nufyonde kuri ▸ kugira wumvirize igisomwa wahisemwo cafashwe amajwi (nimba kiboneka mu rurimi rwawe) canke ufyonde kamwe mu tumenyetso turi munsi y’ahanditse ngo “ Téléchargement ” kugira uvome igisohokayandikiro.
2 Nuhitemwo urundi rurimi mu ndimi zitondetse ahanditse ngo “ Lire en ” kugira ngo ubone urwo rupapuro muri urwo rurimi.
3 Nufyonde ahanditse ngo “ Suivant ” canke ufyonde kuri kimwe mu bintu vyanditse munsi y’ahanditse ngo “ Sommaire ” kugira usome ikindi kiganiro canke ikindi kigabane.