Uburyo bwo kubafasha
Abakirisu b’ukuri baragira uruhara mu busuku burangurwa ku mugaragaro bwo gukwiragiza inkuru nziza (Flp. 2:17). Kugira ngo ivyo babishikeko, ibintu bimwebimwe vy’ishimikiro bigizwe n’udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza be n’ibiganiro vyanditswe mu ndimi 20, vyarashizwe kuri Internet ku muhora www.watchtower.org. Uwo muhora ntugenewe gushikiriza Ivyabona vya Yehova ibisohokayandikiro biherutse gusohoka. Intumbero yawo ni iyo kuronsa abantu amakuru y’imvaho ku vyerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bigisha bivuye muri Bibiliya.
Hari n’ikindi kintu gihambaye giherutse kwongerwa ku vyari kuri uwo muhora wacu wo kuri Internet wemewe n’amategeko. Ico kintu ni agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu ndimi zirenga 220. Vyongeye, guhera ku nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Nzero 2004 n’iya Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 2004, mu ndimi zose, ku rupapuro rwa nyuma rw’ivyo binyamakuru hazoba hariko aderese yacu ya Internet.
None ubwo buryo wobukoresha gute? Vyoshika ugahura n’umuntu asa n’uwushimishijwe mugabo akaba yumva gusa urundi rurimi. Nimba ashobora gukoresha Internet, urashobora kumwereka aderese iri ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi canke rwa Réveillez-vous!. Agiye kuri uwo muhora wacu wa Internet, yoshobora kwisuzumira agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu rurimi rwiwe kavukire, mu kurindira ko ugaruka kumugendera umuzaniye ibisohokayandikiro biri mu rurimi rwiwe. Canke woshobora kumenyesha ivy’uwo muntu ishengero cabure umugwi witwararika uririmi rwiwe, kugira bamugendere.