ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 3/04 rup. 3
  • Uburyo bwo kubafasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Uburyo bwo kubafasha
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyo bijanye
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Nuwukoreshe mu gufasha umuntu avuga urundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Umuhora wacu wo kuri Internet wemewe—Wagenewe kudufasha no gufasha abandi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Mu gihe woba ukeneye kuronka ningoga ibitabu vyo mu rundi rurimi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • JW.ORG​—“Intahe ku mahanga yose”
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2004
km 3/04 rup. 3

Uburyo bwo kubafasha

Abakirisu b’ukuri baragira uruhara mu busuku burangurwa ku mugaragaro bwo gukwiragiza inkuru nziza (Flp. 2:17). Kugira ngo ivyo babishikeko, ibintu bimwebimwe vy’ishimikiro bigizwe n’udutabu, udupapuro tw’inkuru nziza be n’ibiganiro vyanditswe mu ndimi 20, vyarashizwe kuri Internet ku muhora www.watchtower.org. Uwo muhora ntugenewe gushikiriza Ivyabona vya Yehova ibisohokayandikiro biherutse gusohoka. Intumbero yawo ni iyo kuronsa abantu amakuru y’imvaho ku vyerekeye ivyo Ivyabona vya Yehova bigisha bivuye muri Bibiliya.

Hari n’ikindi kintu gihambaye giherutse kwongerwa ku vyari kuri uwo muhora wacu wo kuri Internet wemewe n’amategeko. Ico kintu ni agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu ndimi zirenga 220. Vyongeye, guhera ku nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Nzero 2004 n’iya Réveillez-vous! yo ku wa 8 Nzero 2004, mu ndimi zose, ku rupapuro rwa nyuma rw’ivyo binyamakuru hazoba hariko aderese yacu ya Internet.

None ubwo buryo wobukoresha gute? Vyoshika ugahura n’umuntu asa n’uwushimishijwe mugabo akaba yumva gusa urundi rurimi. Nimba ashobora gukoresha Internet, urashobora kumwereka aderese iri ku rupapuro rwa nyuma rw’Umunara w’Inderetsi canke rwa Réveillez-vous!. Agiye kuri uwo muhora wacu wa Internet, yoshobora kwisuzumira agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu rurimi rwiwe kavukire, mu kurindira ko ugaruka kumugendera umuzaniye ibisohokayandikiro biri mu rurimi rwiwe. Canke woshobora kumenyesha ivy’uwo muntu ishengero cabure umugwi witwararika uririmi rwiwe, kugira bamugendere.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika