ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/14 rup. 3
  • Inyishu ku bibazo vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku bibazo vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2014
  • Ivyo bijanye
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nukoreshe umuhora wacu wo kuri Internet mu kwigisha abana bawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2014
km 5/14 rup. 3

Inyishu ku bibazo vyanyu

◼ Ni ibiki abana bategerezwa kwiga kugira ngo bakure babe abahumuye mu vy’impwemu?

Abavyeyi bakirisu barakora vyinshi kugira ngo barere abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Nk’akarorero, abavyeyi basanze ari ngirakamaro kurimburira hamwe n’abana babo icanditswe c’umusi buri gitondo. Mu gusenga kwo mu muryango canke mu bindi biringo imiryango yorabira hamwe ividewo ikongera ikayiganirako, yoganira ku mayagwa kanaka yo mu biganiro bivuga ngo Urwaruka ruribaza, yogira agakino gashingiye ku nkuru ivugwa muri Bibiliya canke ikagira udukino two kwimenyereza. Yamara, kugira ngo abana ‘batere baja imbere bagana ku buhumure,’ bategerezwa kandi kwigishwa ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya.​—Heb. 6:1.

Rimbura ivyo twigisha abantu duhura mu cibare. Igihe duhuye n’umuntu ari bwo bwa mbere canke igihe dusubiye kumugendera, muri rusangi turihatira gutanguza inyigisho ya Bibiliya dukoresheje igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Turangije ico gitabu, duca twiga igitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” Kubera iki? Igitabu Ivyo Bibiliya yigisha kiraronsa abatohoji ubumenyi bw’ishimikiro bwo mu Vyanditswe. Igitabu ‘Urukundo rw’Imana’ kirabigisha ukuntu boshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwabo bwa misi yose. Kwiga ivyo bitabu vyompi birafasha abashasha ‘gushinga imizi’ muri Kristu no ‘kutanyiganyiga mu kwizera.’ (Kol. 2:6, 7) None ivyo bitabu ntivyogirira akamaro n’abana bacu? Na bo nyene barakeneye kwiga ivyerekeye incungu, Ubwami be n’ukuntu abapfuye bamerewe. Abana kandi barakeneye kumenya igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro be n’ibiranga imisi ya nyuma y’ivy’iyi si. Bategerezwa kujijuka ko Ivyabona vya Yehova ari bo bafise ukuri. Abana bakiri bato barakeneye kandi gutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya be n’ingene bomenyereza “ububasha bwabo bwo gutegera.” (Heb. 5:14) Ariko ntiwumve, abavyeyi barakwiye kurimbura imyaka abana babo bafise be n’urugero bagezako gutahura ibintu. Yamara, abana benshi usanga bafise ubushobozi bwo gutangura kwiga ukuri kwimbitse kwo muri Bibiliya mbere n’igihe baba bakiri bato cane.​—Luka 2:42, 46, 47.

Mu gufasha abavyeyi, amayagwa y’ukwiga ashingiye ku gitabu Ivyo Bibiliya yigisha azoboneka kuri jw.org. Imiryango irashobora kuronka ayo mayagwa ku muhora wacu ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > IMIYABAGA. Mu misi iri imbere hazotegurwa ayandi mayagwa y’ukwiga ashingiye ku gitabu ‘Urukundo rw’Imana.’ Ariko ntiwumve, umuntu yoshobora kandi gukoresha ivyo bitabu ubwavyo. Abavyeyi barakwiye guhitamwo niba bokoresha ayo mayagwa muri wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango canke igihe bayoborera umwe mu bana babo inyigisho kibure igihe bamenyereza umwana kwiyigisha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika