ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/15 rup. 2
  • Niwigire ku bamamaji babimenyereye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigire ku bamamaji babimenyereye
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Ivyo bijanye
  • Woba woshobora kubasaba ngo mukorane?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ingene twomenyereza abashasha kwamamaza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku​—Tumenyereze abashasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Nugume ufise umwete mu busuku
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2015
km 6/15 rup. 2

Niwigire ku bamamaji babimenyereye

Mu vy’ukuri abamamaji babimenyereye ni abo agaciro kuri twebwe. Bamwe bamaze imyaka myishi bakorera Yehova badahemuka. Abandi na bo nta gihe kihaciye babaye abahanga mu busuku. Abo bamamaji bariboneye ingene Yezu ayobora ishengero rya gikirisu muri iyi misi ya nyuma mu gutuma igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa gitera imbere. (Mat. 28:19, 20) Kugira uruhara mu busuku vyaratumye bironkera “ububasha burengeye ubusanzwe” igihe bari mu ngorane no mu bigeragezo. (2 Kor. 4:7) Hariho ibintu vyinshi twokwigira kuri abo bamamaji bazi utuntu n’utundi. Igihe tubaronkeje akaryo, barahimbarwa no kutwigisha ivyo bazi. (Zab. 71:18) Ku bw’ivyo, turakwiye kurondera uturyo two kubigirako. None ivyo twobigira gute?

Mu busuku. Kugira abamamaji bashasha canke abatazi utuntu n’utundi babe kirumara mu busuku, barakeneye kumenyerezwa. Ikintu nyamukuru bokora ni ukwihweza ingene abamamaji baciye uruma barangura ubusuku bwabo. (Raba ikiganiro kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2015 kivuga ngo “Nugume ufise umwete mu busuku,” munsi y’agatwe kavuga ngo “Nufashe abakiri bashasha,” ingingo ya gatatu.) Wungukiye gute mu gukorana n’abamamaji nk’abo mu busuku?

Woba wosaba umwamamaji abishoboye ngo mukorane mu busuku? Niba amugaye, woshobora kuza urayoborera i muhira iwe imwe mu nyigisho zawe za Bibiliya. Muhejeje kuyobora inyigisho, nusabe uwo mwamamaji agire ico avuze ku kuntu wavyifashemwo yongere akugire inama.

Numarane umwanya na bo: Numenye neza abamamaji baciye uruma mu kumarana umwanya na bo. Nutumire umwe muri bo mu gusenga kwo mu muryango kwanyu maze mumubaze utubazo. Niba amugaye, mwoba mwotunganya ivyo kugirira ugusenga kwo mu muryango iwe? Nimumubaze ingene yamenye ukuri. Ni imihezagiro iyihe yironkeye? Ni amaterambere ayahe yiboneye aho iwanyu? Ni igiki camunezereje mu gusukurira Yehova?

Nubatahure kandi ntubitegeko ivyo badashobora. Cokimwe natwe, abamamaji bamaze igihe bafise ingabirano zitandukanye mu busuku. (Rom. 12:6-8) Bamwe baritereye mu myaka, kandi ivyo bishobora gutuma badashobora kumarana natwe umwanya mwinshi. Naho biri ukwo, turashobora kubigirako vyinshi kubera ibintu vyinshi biboneye mu murimo wabo bakoreye Yehova badahemuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika