Woba woshobora kubasaba ngo mukorane?
Mu mashengero menshi hariho abamamaji badashobora gukora vyinshi mu busuku kubera bafise ingorane z’indwara zidakira canke bakaba bitereye mu myaka. (2 Kor. 4:16) Woba woshobora gusaba umwe muri bo ngo mujane ku nyigisho ya Bibiliya? Niba uwo mwamamaji adashobora kuva i muhira, kumbure woshobora mbere kuyoborera iyo nyigisho i muhira iwe. Woba woshobora kuza uragira ivyo utunganije kugira ngo ujane n’umwamamaji afise amagara make ku mihana mikeyi mu busuku bw’inzu ku nzu canke gusubira kuraba umuntu umwe canke babiri mwayaze? Abamamaji bitereye mu myaka benshi usanga bazi utuntu n’utundi mu bijanye n’ubusuku. Ku bw’ivyo, utwigoro ugira ntituzotuma gusa bumva baremeshejwe. Na wewe uzohungukira. (Rom. 1:12) Vyongeye, Yehova azohezagira utwigoro ugira mu kugaragaza urukundo muri ubwo buryo.—Imig. 19:17; 1 Yoh. 3:17, 18.