ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Ndamukiza rup. 3
  • Remesha abandi ukoresheje amajambo meza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Remesha abandi ukoresheje amajambo meza
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Yobu yarashize hejuru izina rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Gusengera abandi birahimbara Yehova
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Yobu: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Ndamukiza rup. 3

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 16-20

Remesha abandi ukoresheje amajambo meza

Uwutanga impanuro akwiye gukoresha amajambo aremesha

16:4, 5

  • Kubera ko Yobu yari yishwe n’intuntu be n’umubabaro, yari akeneye kuremeshwa

  • Abagenzi batatu ba Yobu nta jambo na rimwe ry’indemesho bamubwiye. Ahubwo barasongereye isibe mu kumwagiriza

Amajambo ababaza Biludadi yavuze yatumye Yobu aborogeshwa n’umubabaro

19:2, 25

  • Yobu yatakambiye Imana ngo imuruhure, naho vyoba biciye ku rupfu

  • Yobu yagumije umutima ku cizigiro c’izuka, bituma aguma yihanganye adahemuka

Elifazi ariko avugisha Yobu, Biludadi na Zofari barorera

ABAGIRIJE YOBU

Elifazi

Elifazi:

  • Bishoboka ko Elifazi yava i Temani mu gihugu ca Edomu. Muri Yeremiya 49:7 herekana ko i Temani hari hagwiriye incabwenge z’i Edomu

  • Mu baje guhoza Yobu, ni we yatanguye kuvuga kuko ashobora kuba yari abakuriye akagira n’ijambo kubaruta. Yavuze gatatu, avuga n’umwanya muremure kuruta bagenziwe

Ibinyoma yamwagirije:

  • Yaraneguye ugutungana kwa Yobu yongera avuga ko Imana itizera abasavyi bayo (Yb 4, 5)

  • Yavuze ko Yobu yita imbere, ko ari umubisha be n’uko adatinya Imana (Yb 15)

  • Yamwagirije ubwikunzi n’akarenganyo, avuga kandi ko umuntu ata co amariye Imana (Yb 22)

Biludadi

Biludadi:

  • Yakomoka kuri Shuwa. Ashobora kuba yaba hafi y’Uruzi Efurate

  • Ni we yakurikiye Elifazi mu kuvuga. Yafashe ijambo gatatu, avuga bike mugabo bibabaza gusumba ivya Elifazi

Ibinyoma yamwagirije:

  • Yavuze ko abana ba Yobu boba baracumuye, bakaba rero bari bakwiriye ivyago vyabashikiye be n’uko Yobu atubaha Imana (Yb 8)

  • Yerekanye ko Yobu yari umunyavyaha (Yb 18)

  • Yavuze ko ugutungana kw’umuntu ata co kumaze (Yb 25)

Zofari

Zofari:

  • Yari Umunayamati, kumbure akaba yaturuka mu buraruko bushira uburengero bwa Arabiya

  • Yavuze ubwa nyuma kandi ni we yasonze Yobu gusumba abandi. Yavuze kabiri gusa

Ibinyoma yamwagirije:

  • Yabwiye Yobu ko avuga amajambo atagira mvura, amubwira guheba ibibi yakora (Yb 11)

  • Yavuze ko Yobu yari umuntu w’umubisha akunda ikibi (Yb 20)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika