UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Ingene wokoresha JW Library
MU KWIYIGISHA:
Soma Bibiliya n’icanditswe c’umusi
Soma Igitabu c’umwaka, ibinyamakuru n’ibindi vyasohowe. Koresha utuntu twitwa marque-pages kugira bikworohere kugaruka aho wasomye
Tegura amakoraniro wongere usige ibara ku nyishu
Raba amavidewo
KU MAKORANIRO:
Rondera icanditswe kivuzwe n’uwuriko arashikiriza ikiganiro. Koresha agace kitwa historique kugira ugaruke ku canditswe cari catanzwe
Aho kuzana ibitabu vyinshi kw’ikoraniro, koresha akuma kawe kugira ukurikire ibiganiro bitandukanye wongere uririmbe. Muri JW Library urahasanga indirimbo nshasha zitarasohorwa mu gitabu
MU NDIMIRO:
Niwereke uwashimishijwe ikintu kanaka co kuri JW Library, uce umufasha kuvomera mu kuma kiwe ako gaporogarama be n’ibitabu vyasohowe
Nukoreshe ahagufasha kurondera amajambo kugira utore umurongo wipfuza. Urashobora kurondeza ijambo rimwe canke arenga
Niwerekane videwo. Nimba uwo wasanze ku muhana afise abana, woshobora kumwereka kamwe mu tuvidewo twa Kalebu. Canke umwereke akavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? kugira ngo urabe ko yoshimishwa n’ukwiga Bibiliya. Uhuye n’umuntu avuga urundi rurimi, mwereke ividewo yo mu rurimi rwiwe
Niwereke uwo muganira icanditswe mu rundi rurimi ukoresheje Bibiliya wavomye. Ja kuri ico canditswe ufyonde ku giharuro cerekana umurongo, uce ufyonda ku gashusho kerekana utubibiliya tugerekeranye