UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ZABURI 52-59
“Terera umuzigo wawe kuri Yehova”
Dawidi yarahuye n’ivyago vyinshi mu buzima. Igihe yatunganya Zaburi ya 55, ng’ibi bimwebimwe mu vyari bimaze kumushikira:
Ibitutsi
Uruhamo
Gutuntuzwa n’igicumuro
Kubura umwana
Indwara
Guhemukirwa
N’igihe Dawidi yaba yumva arengewe, yaramenya ingene avyifatamwo. Impanuro ivuye ku Mana aha abo bose vyoshika bakarengerwa n’ingorane ni iyi: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova.”
Iyo mpanuro twoyikurikiza gute muri iki gihe?
Nuture Yehova ingorane iyo ari yo yose ufise canke amaganya ayo ari yo yose
Nurondere indemesho n’ubuyobozi mw’Ijambo rya Yehova no mw’ishirahamwe ryiwe
Kora uko ushoboye kugira utorere umuti ico kibazo wisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya