Ubuhindi: Icabona ariko abwira inkuru nziza umukobwa na nyina muri leta ya Bengale yo mu Burengero
Ingene twotanguza ibiyago
UMUNARA W’INDERETSI
Ikibazo: Twese birashika tugakenera uruhoza. Ariko none tworukura he?
Icanditswe: 2Kr 1:3, 4
Ivyo wovuga: Iki kinyamakuru Umunara w’Inderetsi kirerekana ingene Imana ishobora kuduhoza.
UMUNARA W’INDERETSI (inyuma ku gipfukisho)
Ikibazo: Hari abavuga ko Ubwami bw’Imana ari ikintu kiri mu mutima w’umuntu. Abandi biyumvira ko ari ikintu kizova mu twigoro abantu bagira kugira ngo batume isi irangwamwo amahoro. Weho ubivugako iki?
Icanditswe: Dn 2:44
Ivyo wovuga: Twisunze Bibiliya, Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko. Iki kiganiro kirerekana n’ibindi Bibiliya ivuga ku vyerekeye Ubwami bw’Imana.
NIWIGISHE UKURI
Ikibazo: Ni igiki kitwereka ko Imana itubabaye?
Icanditswe: 1Pt 5:7
Iciyumviro: Imana idutera akamo ngo tuyisenge kuko itubabaye.
ANDIKA HANO UBURYO BWAWE
Ufatiye ku burorero bwatanzwe, niwitegurire uburyo bwawe bwo gutanguza ibiyago.